IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ujejwe gutanga ibibanza mu soko mfatakibanza ya COTEBU (...)

Umurwi ujejwe gutanga ibibanza mu soko mfatakibanza ya COTEBU wagiyeho

mercredi 27 Myandagaro 2014

Gukora ijoro n’umutaga kugira isoko mfatakibanza yo ku kibuga ca COTEBU yugurure, nico gikorwa nyamukuru c’umugwi ugiye kwiga itangwa ry’ibabanza ku badandaza bagiye gukorera muri iyo soko yubatswe ku kibuga ca COTEBU.

Inyuma y’umwaka urenga isoko nkuru ya Bujumbura itewe n’isanganya y’umuriro wahitanye ibintu bitagira uko vyoharugwa, rigasiga abadandanza n’imiryango yabo mu marira n’inzara, Reta y’Uburundi yaciye ifata ingingo yo kurondera mu maguru masha ikindi kibanza co kwakira abo badandaza kugira basubira kuronka uko biyungunganya, n’uko botunga imiryango yabo. Ikibuga ca COTEBU caciye gitunganwa kugira kizokwubakwemwo isoko mfatakibanza izokwakira abahoze mw’isoko nkuru ya Bujumbura, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Melchior Simbaruhije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu 27 Myandagaro 2014, Melchior Simbaruhije yamenyesheje ko mu ntumbero yo gutunganya itangwa ry’ibibanza muri iyo soko mfatakibanza ya COTEBU, umugwi ugizwe n’abantu mirongo ibiri na batanu (25) niwo washizweho kugira uze wige ico kibazo c’itangwa ry’ibibanza, aho mwomenya ko umukuru w’uwo mugwi ari Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Melchior Simbaruhije yatanze ndetse n’icizere ko iyo soko yo kuri COTEBU ishobora kwugurura mu minsi iri imbere, akamenyesha ko ibikorwa bisigaye bitotuma iyo soko itugurura mu minsi iri imbere. Aho mukamenya ko isharahamwe PRODAP ariryo ryiyemeje gutunganya ikibanza cagenewe ibikwa neza ry’ibifungugwa bigizwe n’inyama n’amafi.


Alida Sabiteka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.