Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama ya CENI yatanze icizere ku banyamigambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama ya CENI yatanze icizere ku banyamigambwe

Inama ya CENI yatanze icizere ku banyamigambwe

mardi 23 Kigarama 2014

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) watunganije inama yawuhuje n’imigambwe, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Poritike hamwe na bamwe mu baserukira ibihigu vyabo mu Burundi. Mu vyashitsweko harimwo kutazokwemera abatuma ku munsi w’amatora (procuration). Bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe na Reta barashima intambwe CENI yagize.

Inama ya CENI yahaye ijambo abari bayitavye bose. Bimwe mu vyiyumviro vyashikirijwe harimwo gusaba ko iyandikwa rw’abazotora ryosubirwamwo burundu narirya na CENI yemeze utunenge yo nyene yatohoje tugera ku 1920 twabonetse mw’iyandikwa. Naho biri uko, haba mu majambo yavuzwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, nta washigikiye ko iyandikwa ryosubirwamwo kuko vyohava bituma ikirangaminsi c’amatora gihinduka hamwe n’amahera yokoreshwa akongerekana. Petero Karaveri Ndayicariye, kubwa CENI, avuga ko imigambwe isaba ko iyandikwa ryosubirwamwo itigeze itanga icegeranyo c’ubunenge yabonye mu gihe c’iyandikwa. Nditije Karori avuga ko arongoye umugambwe UPRONA wewe amenyesha ko ubunenge babufise aho babwanditse, ko bagiye kubushikiriza CENI kuko biteguwe neza. Nditije arashima intambwe CENI yashitseko kuko bitavye inama bazi ko ata kivamwo. Muvyo Nditije yashimye harimwo ko CENI yemeye kuzotanga umwanya wo kwandika abatashoboye kwiyandikisha hamwe n’inama yindi yo kurabira hamwe ivyavuye mw’iyandikwa ry’abazotora.

Mu kurangiza inama, CENI yabanje kwemera ko izosubira gutegura inama nk’iyo aho izobonana nabo begwa n’ikibazo c’amatora mu kurabira hamwe ivyavuye mw’iyandikwa, hanyuma itanga urutonde rw’ibintu 9 bigiye kuzokorwa kugira igarukane icizere c’amatora yo mu 2015. Muri ivyo harimwo kwandika abatashoboye kwiyandikisha kubera bataronkejwe uburangamuntu, kwima uburenganzira abotorera abandi babatumye (Procuration), Reta yotanga inyigisho ku bari mu nzego kuva hasi gushika hejuru kugira umwe wese amenye amabanga ajejwe aho ava n’aho ashika. CENI isaba kandi abanyamigambwe ko boyishikiriza ubunenge babonye mw’iyandikwa ariko ivyo vyose bakabikora bubahiriza ikirangaminsi c’amatora.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • nu gukora ibishoboka vyose kuneza canke kunabi kugira amatora agende NEZA CANE BIGUMA CANKE VYORAHA NTIHAZOGIRE NUMWE AVUGA NGOYIBWE AMATORA ABE KUMUGARAGARO.

    RN DD YABWIYE ABANWANYI BAYO NGO !!!§MUTORE KENSHI HAMA IRANGI BAZOBASHIRA KUNTOKE TUZOGERAGEZA HAMWE NA CNI RIMARE 10MINITES GUSA MUCE MURIFUTA BITAGORANYE HAMA MUGUME MUTORA MUBIBANZA BITANDKANYE........?

  • Rekagutyoza Wewe Wiyita Mari Twentidukunda Imvugo Mwenizo Tuzokwanka Kubatora Mwenumugambwe Wanyu Nakazikawe Benegihugu Bontibakigomba Mwenizonsaku

  • Abarotaziba,ryaka nabiza ko dd ishobora kutwara utivye amatora?yategureneza tubakubite ipfupfu mwirabire!!!2015 bayiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii ddddddd

  • Bacemwobacemwo ntibabona! Umukenyuro wagatatu turawuhejeje;uzosubire

  • sha ceni twarikuyishimira arik ko itavuz ko izosubiramw kwandika ndayitey ivyatsi kimw gusa yib yareka uwamuhay akaz azomaramara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.