Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ukwiye kujamwo abantu ataco (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ukwiye kujamwo abantu ataco (...)

"Umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ukwiye kujamwo abantu ataco bagirizwa"

lundi 29 Mukakaro 2013

Mu gihe itegeko rizogenga umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira rigiye kwigwa n’abashingamateka, Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, asanzwe akurikiranira hafi ibijanye n’ubutungane bw’inyuma y’intambara amenyesha ko ico ari ikibazo gikwiye kwitonderwa.

Mu kiganiro ku nsamirizi « Isanganiro », Furera Emmanuel Ntakarutimana yamenyesheje ko itegeko ritomoye n’umurwi mwiza bizova ku butegetsi, asaba n’abatora kutazokwisunga ivy’imigambwe aboja muri uwo murwi boba bavamwo, ahubwo nyabuna bahitemwo abantu "ataco bagirizwa" biteguriye kurwanira ko ukuri kuja ahabona. Ku bwiwe, ukubura ugushaka kw’abategetsi gushobora kubera intambamyi ibikorwa vy’uwo murwi uzoba ujejwe kumenyesha ukuri n’ukurekuriranira.

Ku ruhande rw’abategetsi, Festus Ntanyungu, umushingamateka wo mu mugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko umurwi uzoshirwaho uzoba ari uwumvikanweho na bose


Egide Nduwimana

Messages

  • Uyo murwi mukawushinga muze murabe abazocirwa imanza abaribo,abagirizwa ibibi mu ntwaro za kera hasigaye bangahe?Hazofatwa abatwara ubu kuko nibo bakiriho,murawitondera rero kuko hazorwa mwebwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.