IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu utewe impungenge n’ubwicanyi mu (...)

Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu utewe impungenge n’ubwicanyi mu Burundi

vendredi 22 Nzero 2016

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zinamuntu bimenyesha ko bitewe impungenge n’ubugizi bwa nabi bubandanya guhitana ubuzima bw’abantu mu Burundi.

Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zinamuntu Cécile Pouilly yahaye iradiyo y’abafaransa RFI kuwa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016, yavuze ko bafise amakuru y’ibinogo 9 biri i Bujumbura no mu micungararo yaho bihambwemwo abantu hamwe.

Umuvugizi w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu yavuze ko abatavuga rumwe na Reta bashizemwo inguvu kandi bariko barakora,bafatiye ku makuru bafise y’imirwi itaramenyekana itera ahakorera abajejwe umutekano.

Mwomenya ko intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zashitse ejo mu Burundi,kugira birabire uko ibintu vyifashe,kandi basabe na Reta kwitaba ibiganiro vyotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa 4 mu mwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

  • NIMUREKE GUKINA KUMUVYIMBA ABARUNDI UWABAHAYE AYOMAKURU ARAZOBABWIRANEZA AHOHANTU BABAHANVYE KUKO NIBARIVYO NAWENYENE MUKUBICA YARARIMWO CANKE MUKUBAHAMBA YARARIMWO URUNVA RERO KO ATAYANDI MATOHOZ AKENEWE KUKO UWABIVUZE ARABIZI CANKE MWEMERE KWARIREMENTANYA MURIKO MUKORERA UBURUNDI NABENEGIHUGU NDABACIRUMUGANI IKINYOMA KIMAR UMUSI NTIKIMARUMWAKA NAMWEBWE MUZOTEBA MUHINYUKE

  • Nivyukuri harabantu bicwa babanje kubategeka, kwiyimbira ibinogo batabwa mwo biyimbiyebonyene ubwabo. Nukuri amakungu adahagurutse abantu bagiye guhera, none nkababantu bagandaguriwe muryarusera muri Muravya bahowe iki? ahatakivurwa nimugisagara ca Bujumbura, nko mumakomine yi yamirije ikiringo ca gatatu 3 ca Nkurunziza. ubu mwayo makomene igi Porice hamwe nikisirikare bahinduye uko bakora mumwaka uheze wa 2015 mukurasa abantu. ububeshi barafatwa bagatwarwa nkabagiye gufurwa mwijo baca baburiza imiduga ni nyuma yi gisagara bagaca bagandagurwa. ubwo nibwo buryo bakoresha,uwutishwe nawe agirwikimuga, mukucumitwa ishinge kubihimba vyu mubiri nayandi mabi ntiriwe dadondagura. nkakebura abarundi bumutima gukurikiranira hafi ibiriko birakorwa, kuko abamyesha makuru bakora icogikorwa baromowe, hamwe namashirahamwe ataryigiturire rwakingire abicanyi, abo bahizwe buhongo. nubwo benewacu bariko bazimanganirizwa ubuzima, hazogerigihe Intahe ifatijambo, abakoze ayomabi bazobura aho binyegeza, abazocika ubutungane ngo barahunze bazocakirwa nkagaca gacakiye umuswi wi nkoko niko bizogenda. ikibwirwa nicumva icerekwa niki bone,murakoze.

  • yooo! uburundi busigaye arikibuga cabadayimoni non imana yaduhevye

  • Iyomanda Yagatatu Iramaraabanyagihugu Na,yireke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.