IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango w’ubumwe bwa Afrika nawo usaba iyubahirizwa ry’ibwirizwa (...)

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika nawo usaba iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro

vendredi 27 Ntwarante 2015, par Egide N

Itegurwa ry’amatora meza kandi atekanye rishoboka aruko Uburundi bwubahirije amasezerano ya Arusha, ibwirizwa shingiro ndetse n’amategeko agenga amatora, ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Mu rugendo rwiwe mu gihugu c’Uburundi, umupfasoni Nkosazana Clarice Dlamini Zuma, arongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, yakiriwe n’Umukuru w’Igihugu, Petero Nkurunziza mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 27 Ntwarante 2015.

Muri uwo mubonano, abo bategetsi babiri bayaze ku bibazo bitandukanye ku bijanye n’amahoro n’umutekano mu Burundi, mu karere ndetse no mu bihugu bihurikiye muri uwo muryango. Ku kibazo kijanye n’amatora yimirije mu Burundi ndetse no ku vyerekeye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu, uwo arongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika yamenyesheje ko kugira amatora agende neza, abe mu mutekano ndetse abe n’amatoro atawe akumira, Uburundi butegerezwa kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa shingiro n’amategeko agenga amatora.

Ku kibazo kijanye n’ibiringo vy’Umukuru w’Igihugu, uwo mutegetsi yasavye abarundi ko borindira ko umukuru w’Igihugu avuga aho ahagaze mu kwemeza canke guhakana ko atazitoza, akongera kandi akibutsa ko hari na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro izoshobora kudadanura ico kibazo kijanye n’ibiringo vy’Umukuru w’igihugu.

Muri iyo nzira yo kwubahiriza ibwirizwa shingiro, Nkosazana Clarice Dlamini Zuma yasavye ko abakenyezi b’abarundi boserukirwa bikwiye mu nzego z’igihugu.


Alida Sabiteka

Messages

  • incungu y u burundi REMY GAHUTU yarayamaze ngo Aho kuba imbwa woba imva .PAUL KAGAME nawe ati: icyo nkundira abarundi ico banka nico bitorera ibyo yabivuze Nkurunziza pierre amaze gutorerwa kuyobora u burundi manda ya kabili.gusa ahari abagabo ntihagwa ibara Festus nabandi tubari inyuma mukurondera inyungu zuburundi nabarundi.......

  • petero nkuru nziza yahanuw kensi ariko ntashaka kumvira intumwa z imana nareke kwigira nka farawo kuko imana irakomey kandi ntawuwanye naw kandi yibuke ko imana imufitiy imigambi mvyiza umuryango wiw

  • muhumure peter ntazitoza rwose gendabizi,afite agakino yibereyemo kazwi n’abantu bake cyane, ubundi muminsi iza muramubona ari umikenguza mateka wubashwe n’amakungu.

  • Vyukuri Ndibaza Ko Irya Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Shingiro Niyo Izoca Urubanza.Kuko Abarundi Bigira Abanyabwenge Kandi Atakigenda. Nivyiza Kodusenga Tukavuga Ubugombe Bw’Imana Bube Koko Ntanumwe Ngaha Mwisi Azoduha Amahoro Atari IMANA Yacu.

  • Imana itubabarire mugihugu c,uburundi intambara ihere abantu bareke gupfa bazirubusa.none umukuru w,igihugu ntiyokubahiriza amategeko ya Arusha akarek abandi bagatwara kugira amaraso ntaseseke mugihugu.none ashaka gutwara wenyene gushik ryari?mana fasha abarundi n,uburundi tuve muntambara za misi yose.

  • Abantu baba muri afrique du sud barazi uyo mugore agatwara ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mugihugu c’afrika y’efo ico bita Homme affairs ingene yari umuntu afata ingingo zibereye cane cane kubiraba abanyamahanga , aho wenye yishikira kukivi apana kuguma yicaye mubiro , akarorero ni gihe yamaze imisi ari mugisagara ca Cap town aho yabaza abadakoreneza agaca abakura mukazi imbere y’abanyagihugu . Ico nagomba kuvuga nuko ndamuzi atoshobora gushigikira amakosa kubera umuntu umwe gusa .

  • NONE UMUKURU W,IGIHUGU AZOSUBIRA KITOZA?

  • Ndabaramukije mwese duhurira kurubuga runo!!burya kuvuga menshi siko kuyamara!!!!!ubundi ntakidafise intango canke iherezo gusa n’ibihe tudatahura murakoze!!!!!

  • emwe ibwirizwa shingiro namasezerano ya arusha biragoye abategetsi buburundi gushira mungiro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.