IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji Issa Ngendakumana asaba guhasha ba kaboko

Umushikiranganji Issa Ngendakumana asaba guhasha ba kaboko

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Ubushikiranganji bw’intwaro ibereye bwatanguje kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2013 umugambi wo kwegereza intwaro ibereye abanyagihugu no kurwanya igiturire.

Kuva kuri uyu wa mbere rero , umushikiranganji Issa Ngendakumana akaba arikumwe n’abategetsi bakuru bakuru bo mu bishikiranganji arongoye,bari mu ntara ya Ngozi aho bahuye n’abarongoye igipolisi co kurwanya igiturire mu ntara za Ngozi na Karuzi, abategetsi barongoye OBR muri izo ntara 2,abategetsi bo mu bushikiranganji bw’umutekano hamwe n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bakorera muntara za Ngozi na Karuzi.

Issa Ngendakumana yasavvye abo bategetsi ko bokorera hamwe kugira batuze ba kaboko,bashengezwe ata kubakingira ikibaba,yasavye kandi ko n’intwaro ibereye yokomezwa muri izo ntara zibiri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.