Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji Léocadie Nihazi yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji Léocadie Nihazi yatanze imihoho

Umushikiranganji Léocadie Nihazi yatanze imihoho

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka yatanze imihoho muri Reta irongowe na Petero Nkurunziza.

Umupfasoni Léocadie Nihazi amenyesha ko yubashe akamo yatewe n’umukuru w’umugambwe Karori Nditije, gahamagarira abashikiranganji bose bakomoka muri UPRONA kuva muri Reta.

Ku bashikiranganji batatu umugambwe UPRONA wari ufise muri Reta, hasigayemwo umwe wenyene atarerekana aho ahagaze, Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji, ingenzi n’amaposita.

Mu gihe Jean Claude Ndihokubwayo, uwariko aravugwa ko ashobora gusubira mu kibanza ca Bernard Busokoza yahakanye ko atarota afata ico kibanza, amakuru ava mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ico kibanza cahawe Anicet Niyongabo yahora ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Anicet Niyongabo agenywe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza mu kurindira ikizova mu badasigana b’umugambwe UPRONA.

Leocadie Nihazi umushikiranganji wo guhanahana amakuru

Egide Nduwimana

Messages

  • Mme Felicitation iyo Action akoze mugihugu nkumurundikazi urerekanye kurumupfasoni wijambo!
    uraruse Abiyita abashingantahe ari nabo benshi!
    Imana izoguha akazi keza gusumba!
    Nigihugu urerekanye kowogitwara,
    abandi nibakwirikire!
    N takwifatanya kuyobora Igihugu nimbonera hafi kuko ntaho batandukaniye Ninterahamwe!
    Felicitation Mme

  • Genda Imanidufashentuzogaruke.

  • Itavyaye inyana ivyara imfizi turindire

  • Itavyaye inyana ivyara imfizi turindire

  • Abo nibo bantu tubadushakamugihugu babona ukuri badakurikira amaronko.

  • N’uko bari batratevye kugenda! Mbega bari bemereye iki kuja muri LETa badashigikiye? Ni bavemwo bose hanyuma barindire aho bazotsindira. Murahumiwe ubu ni mwe mwikumiriye: nta n’umwe azovuga ko DD yabimye ubutegetsi. Murayiciriye umuhora, ubu bagiye gukora ico bashatse atacamira, bashire mu ngiro programme atakibasamaza! Ahandi uwutsinze aratwara. Abadede barabishatse birabananira ubu rero muvuyemwo mutuma itegeko rija mu ngiro ritabanje guca no mu Nama Nshingamateka. Ubwenge umenga ntimububuze muraniyunvira neza: un ou deux ministres ne sont pas fondamentales pour gouverner. On peut mettre ensembles plusieurs ministères. D’ailleurs je me permets de donner un conseil àPeter: laisser tomber la substitution avec d’autres et assurer vous -memes l’interimat. Des bons collaborateurs suffisent et vous épargnez quelques salaires destiné àun ministre!

  • Ahubwo iyo muba abandi ntimwari kuva muri leta mwari kuva no mu burundi

  • mupfasoni nihazi genda amahoro, yamara mu bushikiranganji wahora utwara, ngira ntawundi tuzoronka ameze nkawe. erega conciliya wasubiriye we ntacagenda nakimwe, ntanico yari ashoboye. ukugenda kwawe kudusizemwo imvune abo wahora urongoye Imana ize idufashe ugaruke

  • Ndabakeje abahora ari abashikiranganji mwarabonetse ko muri abapfasoni n’abashingantahe babushitse.Bansumirinda,bampema yuzuye,ngo basigaye bafise abavugizi.Erega Ntimubaronderemwo ubushingantahe ntabwo bigeze murabaza no munzu iwabo ntantahe yariho.

  • Alice Nzomukunda nuko nyene bamuhenze yikura mu butegetsi ngo yerekanye ko akunda igihugu! None ubu arihe? Mwarahenzwe. Igihugu ntigipfakara barabahenze. Iyo muhumayo mukaturabira abo bagabo ivyo bikoza.

  • Naho mwerekanye ubutwari bwanyu, ntakizere twobagirako mugihe mwanse kwifatikanya nabandi Kubera inda zanyu, mugakurikira ubwije bwaraje ikigoyi kumahiri Marie KADEGE. Ibijumbu mwari mwemerewe vyaheze? Bibere isoma n’abandiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.