Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi
Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi
vendredi 20 Rusama 2016, par
Uwahora arongoye ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori ya Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO, niwe yagenwe kuba umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta y’Uburundi.
Domitien NDIHOKUBWAYO agiye mu kibanza cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale), risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville, rikaba rigizwe n’ibihugu cumi arivyo Angola, Burundi, Cameroun, RCA, Congo, RDC, Gabon, Guinée équatoriale, Sao Tomé et Principe hamwe na Tchad.
Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta yagenwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/107 ryo kuwa 18 Rusama 2016.
- Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta
Izina ry’uwugiye guca ashikirizwa uburongozi bwa OBR rikaba ritarashirwa ahabona, ariko mu mazina anuganurwa, irivugwa cane akaba ari irya Gabriel NTISEZERANA yahoze ari umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba kandi yarigeze n’ukuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuri Reta ya mbere y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
IGIHE
Messages
20 Rusama 2016, 09:48, par MUHUZA
WI GIHANAHANE BASHA INJAVYI NAZO ZIJURAJURE IRAMBIRE BAGUMYABANGA NITUGIRE CNDD-FDD
20 Rusama 2016, 10:22, par MV K
NDAGUKEJE BOSI WIWACU MUGABO REKANAWE TUZORABE IVYAWE
20 Rusama 2016, 11:17, par tari
Abantu nabo wogira Ngo ntabwenge bakigira wewe uremera kuja muri reta idahari muburundi ntareta ihari nimureke guhendwa mubona
20 Rusama 2016, 11:38, par serg
Reka turabe ivyuyu nawe
20 Rusama 2016, 11:59, par rwasa
ok,felicitation Nicodem urabishoboye ariko ntuzoje kure ya OBR kuko niwewe waruzi kuronderera igihugu amafranga none ndagukeje
20 Rusama 2016, 12:32, par INTAGOHEKA
EHE KAKA KAMUJERI NGO NITARI KAMA KARIKO KAVUGANGO MUBURUNDI NTARET IHARI NONE KWATAYIHARI UBU HATWARA YAMIHIMBIRI YOMUKIBIRI
20 Rusama 2016, 13:16, par rebeka
igihugu cu burundi kirapanze za mujeri nazo ziguma zidihira iyo ziri mwitorabora
20 Rusama 2016, 13:17, par rebeka
igihugu cu burundi kirapanze za mujeri nazo ziguma zidihira iyo ziri mwitorabora
20 Rusama 2016, 13:23, par rebeka
igihugu cu burundi kirapanze za mujeri nazo ziguma zidihira iyo ziri mwitorabora
20 Rusama 2016, 13:40, par CAKIRA
Nisawa uyumugabo kugiharuro nuwambere je ndamuzi,arabikwiye kweli
20 Rusama 2016, 17:30, par None?
Muruyumwanya ndagimba gukeza abantu babiri: uwambere nuyumwanditsi yanditse iyinkuru aduhaye inkuru nkumwanditsi yigenga koko. Mukomeze mwirinde bateshesha nabashaka kubahendesha utunanyu twumutsima noneho mugashusha imitwe yabenewanyu / bashikibanyu abanabanyu, abavyeyibanyu, nabagenzi bwanyu (abahutu, abatutsi, nabatwa babarundi)
UBWAKABIRI NDAKEJE UYU NYAKWUBAHWA DOMITIE NDIHOKUBWAYO, NDAGUKEJE MUSHIKIRANGAJI WIKIGEGA CARETA.
20 Rusama 2016, 21:00, par Gabriel
Ndagukeje Kuriryo Teka Uronse Ariko Muribuka Iwanyu Muhateze Imbere?Itangara
20 Rusama 2016, 21:02, par Gabriel
Ndagukeje Kuriryo Teka Uronse Ariko Muribuka Iwanyu Muhateze Imbere?Itangara
21 Rusama 2016, 17:14, par kajekurya
Genda wifungurire imeza irateguye. AKAYABAGU
21 Rusama 2016, 22:19, par SABITI
IVYONIVYO TWETUBATUGOMBA
ABEMERA
22 Rusama 2016, 03:45, par FDN
ikibazo kimwe baza igihe kuberiki mwandika ivyiza kurwanda mwagera kuburundi mukayaga ibibigusa nkeje habaye inama kubijanywe na ecomi komutabiviga tuzosaba leta yuburundi namwe ibugarire
22 Rusama 2016, 09:51, par Hakizimana
Ndagukeje kuriryo teka uronse ariko muribuka ahomuvuka tangara muhateze imbere imana ibahezagire