Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatanga indangamuntu bidaciye mu mategeko bafatiwe ingingo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abatanga indangamuntu bidaciye mu mategeko bafatiwe ingingo

Abatanga indangamuntu bidaciye mu mategeko bafatiwe ingingo

jeudi 4 Kigarama 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aragabisha abantu bose basigaye barihaye gutanga amakarangamuntu, canke bakayatangira mu bibanza bitazwi.

Ivyo Edouard Nduwimana akaba abivuga mu gihe muri iyi minsi hariko hiyandikisha abantu kugira baze bitabire amatora, bikagaragara ko hari abatangira mu mpisho amakarata karangamuntu. Asaba abajejwe intwaro guhasha abo bose batanga izo ndangamuntu bitazwi n’amategeko. Edouad Nduwimana akavuga kandi ko indangamuntu zose zigiye gutangwa na musitanteri gusa, kandi zigatangiwa muri komine. Asaba umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ko hamwe vyogaragara ko hariho umuntu afise indangamuntu iciye mu manyanga, ko boraba n’ingene yimwa uburenganzira bwo gutora.

Mukamenya ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati afashe iyo ngingo mu gihe imigambwe itavuga rumwe na Reta n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike amenyesha ko hari abahawe amakarangamuntu menshi, kandi hari n’amwe agenda aratangirwa mu bibanza bitazwi. Tukabamenyesha ko mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza hafatiwe amakarata karangamuntu agera ku bihumbi 3000 nk’uko vyavuzwe na ADC Ikibiri, nayo mu ntara ya Muyinga, umushingamateka Sebasiyano Misago yahatowe, akavuga ko bamwe mu bayoboke b’umugambwe uri ku butegetsi batanga amakarangamuntu bidaciye mu mategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwomushingamateka Sebasiyano Minani, numuntu yamye akomeye muburundi kuva u Burundi bugitwarwa numugambwe umwe UPRONA yamye avugarikijana mumugambwe wiwe Uprona kandiburya numuhutu kurise nanyina ivyovyose biranezereje arikwikibabaje uwokubwira Commune avukamwo ya GITERANYI icoyoba yarayimariye kuvakera gushika uyumusi ndibaza uwomukoresha interview akamubaza ati: Mushingamateka Sebasiyano nigiki kiboneka waranguriye muri Commune yawe wavukiyemwo? Ndaziko vyonugora kukironka aharero ntimubifate nkabimwe vyitwa kwifatira mugahanga umuntu. Jewendibazako nayamanama yimvukira zamakomine nibaza kwatayajamwo Ngo ashike mwikomine yiwe yamavukiro asangirirehamwe ikiyago cukuntu bofatimanya nabasanzwe babayo kugira komine ikomeze guterimbere ubonako iyokomine ya Giteranyi ihanibibe nigihugu ca Tanzania nu Rwanda irose abayibahafi ishobora guterimbere binejeje. Jewe ndikondavuga sindimvukira yiyokomine ariko nahafise imiryango inshika kumutima kubera twarashingije umukobwa kumugabo womuriyo Commune ya Giteranyi.

  • Ok birumvikana ko Edouard yamaze kurangiza igikorwa ciwe ca mbere nukuvuga gutanga karangamuntubiciye mu manyanga. Gusa ndibaza ico opposition izoja gukora mu matora nkakibura pe.NKURUNZIZA ati ano matora azoba meza kurusha ayandi yose tumaze kubona burya yarazi icateguwe. Ni kuki aba dd niba amatora.kandibavuga ko bafise abanywanyi benshi.Mbega Nduwimana agabisha nde?Ko abagendana umukagato wamakarangamuntu ari aba dd. Kuki.afata ingingo kuko babimutegetse? Ubu ikigiye kuba niterabwoba ba bikoti ubu akazi kabo karihafi.Imitwey’abarundi igiye gucibwa pe! Na cane cane ko kudahana vyabaye umugenzo i Burundi.Jewe muzoba mumbarira ntawe nteye ubwoba ark akari inyuma karahinda kazima magasin y’ibirwanisho iri mu Butere chez le tout puissant general.
    .

  • Bibutse kuyora basheshe.....jewe uyo mugabo arantera ikigongwe afise iherezo ribi yidogerwa na benshi.........basha isi iragoye arakitwara agatwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.