Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushingwamanza Nitegeka ahamagirira urwaruka kudasubira gushamirana rupfa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushingwamanza Nitegeka ahamagirira urwaruka kudasubira gushamirana rupfa (...)

Umushingwamanza Nitegeka ahamagirira urwaruka kudasubira gushamirana rupfa poritike

lundi 6 Nzero 2014

Mu gihe umwaka w’2013 waranzwe n’akajagari ko kutihanganiranira mu vya poritike hagati y’urwaruka rw’imwe imwe mu migambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, Urwaruka mparaniramajambere ya Rwagasore rwo muri Uprona bo bavuga ko basotowe mu mwaka uheze w’2013 cane cane hagati mu gihugu, kuruta mu gisagara ca Bujumbura nk’uko vyashikirijwe n’umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye urwaruka rwa Uprona mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umushingwamanza Nitegeka Patrick yamenyesheje ko, mu migambi mikuru mikuru bashize imbere ari kugendera urwaruka barongoye mu makomine ndetse no mu makaratiye, mu ntumbero yo kuyaga ku nyifato yobaranga mu gihe uyu mwaka usa n’uwuzoba ushushe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Ivyo rero bikazotuma urwaruka bari kumwe muri poritike mu mugambwe Uprona ruzogumana akaranga ko kubana neza n’abandi, mu budasa bwabo bw’imigambwe.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura

Umushingwamanza Nitegeka akaba asaba urundi rwaruka rwo mu yindi migambwe vyagaragaye ko rwashamiranye cane ndetse bamwe bagapfungwa, abandi bakaja mu bitaro kubera gupfa poritike, kuva i buzimu bakaja i buntu, bijukire amashure n’iterambere ryigihugu, Asaba ndetse urwaruka rusanzwe rukunda kutihanganiranira kubanza kwiyumvira, bakaraba abana bababatumye aho bari, baba bariko bariga mu mashure meza, ariko ugasanga urwaruka rundi rwo, ruriko ruraburagizanya, rugakubitana, rukicana, rupfa poritike y’ababahenze. Asaba kandi urwo rwaruka gukurikiza akarorero k’urwaruka arongoye rwo muri Uprona, aho atanahamwe mu Burundi baragirizwa gusotora abandi, ndetse babanye neza mu mihana n’abandi bantu bose bivanye n’imigambwe bahurikiyemwo.

Abandanya asaba abarongoye abandi mu migambwe, ko ari ikigoranye cose bokivugana, ibiganiro bikaba, bigashika ku ngingo, umuti urama ugaheza ugatorwa, hako urwaruka rwo, amaraso agishushe rwotumwako gushamirana n’urundi, rutaye amashure canke ibindi bikorwa vyo kuruteza imbere. Arangiza yipfuriza urwaruka rwose rwo mu Burundi umwaka mwiza w’amahoro, umutekano n’iterambere, umwaka uzira indwano n’ugushamirana hagati y’abonse rimwe, bapfa poritike.

Urwaruka rw'umugambwe Uprona

Aristide Nizigire

Messages

  • Uyumushingwamaza arakwiye gushigwa hejuru cankekwubahwa nguwo umuntu akoresha icubahiro afise andahengamiyehariya cankehino aratanzinyigishovyukuri uwutobishima yobatazi gushima Imana iguhezagire mwana wiwacu Burundi.

    Mbegayemwe uyumuntu kombona akirimuto akabasumvyabeshi gutanga impanuro ngahomuburu birirwa barisebangura ngonibihangange! Patrick Nitegeka urumugabo (urumushingatahe) ndakubonyemwo kazoza ikomeye nitwabadufise abantubavuganubwenge nkawe ni Amen.

  • IVYO AKORA NI VYIZA KANDI BIRAMUSA NI INTORE IKWIRIYE UBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.