Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutekano wa General Niyombare woba ubangamiwe
Umutekano wa General Niyombare woba ubangamiwe
mardi 10 Ntwarante 2015, par
Umutekano wa General Major Godefroid Niyombare woba ubangamiwe muri kino gihe, kuko yagabanirijwe abahora bamucungera, mu muryango iwe, bakaba bafise ubwoba ko hari umugambi wo kumwaka ubuzima.
- General Niyombare Godefroid yahoze arongoye igendereza ry’ Uburundi
General Niyombare aheruka kubogozwa mu mabanga yo kurongora igendereza ry’ Uburundi, yaraye agabanirijwe abahora bamucungera, nk’uko amakuru ava mu bamwegereye abivuga. Mu muryango wiwe bakaba bafise ubwoba ko hoba hari umugambi wo kumugandagura. Ivyo bibaye inyuma yaho mu ndwi iheze, umupfasoni wiwe umushingamateka Spes Niyonkuru, yatabaje avuga ko hari akarwi k’abantu kaguma kamukwirikira, koba kari gafise intumbero yo kumugandagura. Muri ako karwi, bikavugwa ko harimwo bamwe mu bakora mu biro vy’igendereza ry’Uburundi.
Tubibutse ko General Niyombare ari mu basirikare bihangange bahoze barwanira umuhari CNDD-FDD, ukiri mw’ishamba. Ikindi kandi, akaba ari uko, iyo ntwazangabo mu gisirikare c’igihugu, ari mu murwi w’abandi bafise ipete rya General barenga 10 bahoze barwanira uwo muhari, baterekwa ikiringo c’ umukuru w’igihugu. General Niyombare, akaba yakuwe mu mabanga yo kurongora ibiro vy’igendereza ry’ Uburundi inyuma y’amezi atatu gusa ashinzwe ayo mabanga.
Bikavugwa ko mu vyo yoba yarazize, rwoba ari urwandiko rw’impapuro cumi na zitanu, rwarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rumwereka intambamyi n’amabi yose yoshobora gushikira umukuru w’igihugu ubwiwe, umugambwe CNDD-FDD , hamwe n’igihugu cose muri rusangi, hamwe yoramuka ahirahiriye akitoza ubugira gatatu.
Floxella Karire
Messages
10 Ntwarante 2015, 11:45, par Iyumenya
Ntabivuga rorera urabe akagiye kuba m’u Burundi,none gayemwe iyo ntwazangabo azira iki?aboba bazi ico ari kuzira nibakimbarire!Kuba yarahanuye umukuru w’igihugu kandi akamwereka ivyoshika aramutse yitoje ubugira gatatu;ivyo nivyo bigiye gutuma yakwa ubuzima pe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
Nkurunziza Petero inkubisi y’amavyi irayitarukiriza....................................
10 Ntwarante 2015, 13:32, par ones
Nkurunziza aragaba ashobora guheza nabi déjà aba généraux 10!!!!shirako na lajahbu ntagiye kworohegwa mukirundi ngo kananira abagabo ntiyimwe mugwanda kayibanda yahoze ari perezida yavugiye kuri stade ati mwe muringaha ngo mushaka kunkura ngo bikore ndabe muri 5min ngo kwiheze ndabasuzuguye kandi aho habyarimana nihari none arozobaza ugwo yafyuye yishwe ninyota kubera mwiboheho yarya irya ziromwo umunyo mwishi bakamwima amazi !!!ikibabaje nuko bizohitana abarundi ndetse numuryango wiwe nosaba denis kuvahasi agahanura
10 Ntwarante 2015, 15:04, par Nahimana Emmanuel
Finalement, mu Gihugu cacu c’Uburundi, kuva aho gitwariwe na CNDD FDD, umwicanyi niwe ahabwa ikibanza gikomeye. Sinunva ingene General Adolphe yahora atwara Iperereza, yasubiriwe n’uwundi mu General Godefroid. bavuga ko General Godefroid ariko agirirwa itera bwoba na ba kozi bo mwi perereza, umuntu yo kwibaza mu vyukuri ko ari abakozi bo mwiprereza canke ko yoba ari branche y’indi ya Adolphe , za Mbonerakure bamukorera ku giti ciwe. Aho murahagabira. ko hatari amashami yi perereza akorera en prive Adolphe na Peter Bota wa Afrique du Sud pardon, petero Nkurunzia
10 Ntwarante 2015, 19:56, par Apollo
Uworukarisha gomumwa! Kumena ibanga si imico y’ ikirundi.
11 Ntwarante 2015, 02:22, par Nuwera
Ariko jewe muransetsa, mujengaho mwidigagige mucekesha?
Ahonshatse kuvuga nti: Muriko murahimba ibintu mudugiye kuciyumviro yigezekwandika mazenoneyo mumwereke komuriko muramutabariza ngokugira ntagirirwe nabi, mwebwe nyene mumuhabure mwongere mucemumwereka ko murikomuramuvugira! Ashintiyobarijewe sha nanje nobakomesha mukubiyamiriza ryaka!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! nkababwira ati nindeyabahaye uburenganzira bwokumvugira? Abonyene barikobarereka uwo mu General ngokobamukundakurusha abandi sibo igihe cibitoke yaterwa nabarwanyi bahamagaje Isi yose ngo igisirikare cuburundi carakoze amahano ngo mukwica abarwanyi bamanitse amaboko?. Nimugendebashatwarabamenye ko munezerezwa nokuvuga ibintu bisambura canke vyogukokeza. Ariko turihamwe ngoja too.
11 Ntwarante 2015, 07:39, par KURI
MUKWINJIRA BINJIRIYE INZIRA IMWE ARIKO MUKUGISOHOKA BAZOCA MUNZIRA IGIHUMBI
MURINDIRE MURABE INGENE BAMARANA
NGO ARASENGA? NIVYO UMU FREE MASSON NI NKURUNZIZA
11 Ntwarante 2015, 11:13, par Vaho
Peter!we wigize uwimana nayo nticokozwa kand iraraka niyo yavyivugiye.wigira sindabibazwa kandi uri sebarundi,reka Imana ikore we uri atome imbere yayo uzovaho u petta
11 Ntwarante 2015, 14:51, par Jambo
Buraca abatutsi ukomwaje mudusanga mugisoda murakidusigamwo ntakibuza! Ariko twariyemeje kuzokwama tubumbatira umutekano wagahigukacu dukunda kakaduhimbara.
11 Ntwarante 2015, 15:05, par ndayi
niyombare imana ninkuru irakubona nahoyobakwaka bose imana isafise kugukingira ubuzima bwawa koko washikirije ivyabarundi ataribake twari gushikiriza ucuraduserukira nayo petero nkurunziza nawe nahirahire atanze kwazitoza torabe mbega arabona neza kwarimana yiburundi konzi kidahinduka arimana yonyene natenswate
11 Ntwarante 2015, 16:06, par Ntimumuzi
@ Vaho, ntugakinatishe uwusenga Imana, ariko ntibitangaje Yesu igihe yarijumusaraba hariho igisuma camubwiyengo : Kowewe urumqana w’Imana ntikwikura kwuyu musaraba? Ndakubwirako uyumusi Yesu nimuzuma, ariko uriyamwambuzi vyararangiye. Nagombakubabwirako kuba prezida yarashoboye kwemanga akavugati Yesu nu Mwami wiwe kandi Prezida agacabugufi agapfukama kubwuwomwami Yesu, rindira ntimurabona akataraza karinyuma erega uwo Yesu mwumva nigitero kitigera gisubizwa inyuma kandi ntahocigeze gitsindwa.
12 Ntwarante 2015, 05:14, par Muhungu Kenya
Nimba ntutinye ubukozibwibi murabunganya gumahamwe mwaranye imyaka ingahe? Mwicabantu somaneza bibiriya yera at ucisha inkota nawenyene azokwicishwa inkota 2 musize inkona imberenturimwo? Mumaguru ifisiki imisiyinkozizikibi iraharuye wewe urashikiwe ntutinye uzokoregwankivyowakoreye abandi nawenyene nihanyuma
12 Ndamukiza 2015, 10:32, par Moussa
qui tue par l’épée mourra par l’épée!!!
17 Ndamukiza 2015, 22:06, par SALÈVE
AZIRAUBUSA KUKOYAVUZE UKURI YIHANGANE APFIRIBANGARYABGABO MURAZE
13 Rusama 2015, 15:19, par DJ RAPPEUPR
natuvireho ntitumushaka
15 Ruheshi 2015, 20:33, par ALEXIS WASAFI
NKURUNZIZA NUMURONGOZI MWIZA NIYOMBARE NAWE MBO KO YASABA IKIGONGWE PETER HANYUMA NIBAZA KO UMUTEKANO WHWE BAZOWUKINKIRA
20 Ruheshi 2015, 14:50, par ERIC HAVYARMANA
NONE NIYOMBARE ARIHO?
21 Ruheshi 2015, 13:09, par CLAUDE
NIHATARI
31 Mukakaro 2015, 16:33, par varane
icotwosab namahor numutekano wamaho?
3 Kigarama 2015, 05:18, par 1/12/2015
HAIMESHI
4 Nyakanga 2016, 20:57, par IRAKOZE IVIN
Godefroi niyombare koyakoze akabikabishe nkakoo azogarukamuburund?mbe arihehe?
13 Nyakanga 2016, 21:13, par NDUWIMANA
NONE.UBU.ARIHE
21 Nyakanga 2016, 17:16, par Kelly
NIBAMWONGERE
5 Ruhuhuma 2017, 16:22, par justin ruyigi
none abasoda bahozebarimurireta kobandanyakwicwa abandi bafungwa nonebizohererahe?
21 Ndamukiza 2017, 07:12, par Niyonizigiye Dieudonné
Mbega Niyombare Niw Yabona Ko Mutama Wacu Ariwe Yari Kwemera Ko Abarund Bosubira Kurara Rubunda?Ahubwo Niyombare Niwe Yashaka Gusubiza Uburundi Mukaga Akibagirako Twamaze Guca Ubweng Tutagihendwa Nabanyeporike Bamwebamwe Bishakira Inyungu Zabo.Non Koyari Mwigendereza Akaba Yaciye Ahendwa Nabagenziwe Non Ubu Bariko Bamufasha Iki?Naho Yari Umurundi Wijunj Ntajambo Yabanye!Yibagiyeko,baca Umugani Ko: "Utambana Nam"ukeba Adakubita Urugohe !Murakoz.
30 Rusama 2018, 20:08, par Niyonkuru Evarist
Bakwiye Kumvikana Kuko Atayindi Nzira