IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutekano wa General Niyombare woba ubangamiwe

Umutekano wa General Niyombare woba ubangamiwe

mardi 10 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umutekano wa General Major Godefroid Niyombare woba ubangamiwe muri kino gihe, kuko yagabanirijwe abahora bamucungera, mu muryango iwe, bakaba bafise ubwoba ko hari umugambi wo kumwaka ubuzima.

JPEG - 19.9 ko
General Niyombare Godefroid yahoze arongoye igendereza ry’ Uburundi

General Niyombare aheruka kubogozwa mu mabanga yo kurongora igendereza ry’ Uburundi, yaraye agabanirijwe abahora bamucungera, nk’uko amakuru ava mu bamwegereye abivuga. Mu muryango wiwe bakaba bafise ubwoba ko hoba hari umugambi wo kumugandagura. Ivyo bibaye inyuma yaho mu ndwi iheze, umupfasoni wiwe umushingamateka Spes Niyonkuru, yatabaje avuga ko hari akarwi k’abantu kaguma kamukwirikira, koba kari gafise intumbero yo kumugandagura. Muri ako karwi, bikavugwa ko harimwo bamwe mu bakora mu biro vy’igendereza ry’Uburundi.

Tubibutse ko General Niyombare ari mu basirikare bihangange bahoze barwanira umuhari CNDD-FDD, ukiri mw’ishamba. Ikindi kandi, akaba ari uko, iyo ntwazangabo mu gisirikare c’igihugu, ari mu murwi w’abandi bafise ipete rya General barenga 10 bahoze barwanira uwo muhari, baterekwa ikiringo c’ umukuru w’igihugu. General Niyombare, akaba yakuwe mu mabanga yo kurongora ibiro vy’igendereza ry’ Uburundi inyuma y’amezi atatu gusa ashinzwe ayo mabanga.

Bikavugwa ko mu vyo yoba yarazize, rwoba ari urwandiko rw’impapuro cumi na zitanu, rwarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rumwereka intambamyi n’amabi yose yoshobora gushikira umukuru w’igihugu ubwiwe, umugambwe CNDD-FDD , hamwe n’igihugu cose muri rusangi, hamwe yoramuka ahirahiriye akitoza ubugira gatatu.


Floxella Karire

Messages

  • Ntabivuga rorera urabe akagiye kuba m’u Burundi,none gayemwe iyo ntwazangabo azira iki?aboba bazi ico ari kuzira nibakimbarire!Kuba yarahanuye umukuru w’igihugu kandi akamwereka ivyoshika aramutse yitoje ubugira gatatu;ivyo nivyo bigiye gutuma yakwa ubuzima pe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    Nkurunziza Petero inkubisi y’amavyi irayitarukiriza....................................

  • Nkurunziza aragaba ashobora guheza nabi déjàaba généraux 10!!!!shirako na lajahbu ntagiye kworohegwa mukirundi ngo kananira abagabo ntiyimwe mugwanda kayibanda yahoze ari perezida yavugiye kuri stade ati mwe muringaha ngo mushaka kunkura ngo bikore ndabe muri 5min ngo kwiheze ndabasuzuguye kandi aho habyarimana nihari none arozobaza ugwo yafyuye yishwe ninyota kubera mwiboheho yarya irya ziromwo umunyo mwishi bakamwima amazi !!!ikibabaje nuko bizohitana abarundi ndetse numuryango wiwe nosaba denis kuvahasi agahanura

  • Finalement, mu Gihugu cacu c’Uburundi, kuva aho gitwariwe na CNDD FDD, umwicanyi niwe ahabwa ikibanza gikomeye. Sinunva ingene General Adolphe yahora atwara Iperereza, yasubiriwe n’uwundi mu General Godefroid. bavuga ko General Godefroid ariko agirirwa itera bwoba na ba kozi bo mwi perereza, umuntu yo kwibaza mu vyukuri ko ari abakozi bo mwiprereza canke ko yoba ari branche y’indi ya Adolphe , za Mbonerakure bamukorera ku giti ciwe. Aho murahagabira. ko hatari amashami yi perereza akorera en prive Adolphe na Peter Bota wa Afrique du Sud pardon, petero Nkurunzia

  • Uworukarisha gomumwa! Kumena ibanga si imico y’ ikirundi.

  • Ariko jewe muransetsa, mujengaho mwidigagige mucekesha?
    Ahonshatse kuvuga nti: Muriko murahimba ibintu mudugiye kuciyumviro yigezekwandika mazenoneyo mumwereke komuriko muramutabariza ngokugira ntagirirwe nabi, mwebwe nyene mumuhabure mwongere mucemumwereka ko murikomuramuvugira! Ashintiyobarijewe sha nanje nobakomesha mukubiyamiriza ryaka!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! nkababwira ati nindeyabahaye uburenganzira bwokumvugira? Abonyene barikobarereka uwo mu General ngokobamukundakurusha abandi sibo igihe cibitoke yaterwa nabarwanyi bahamagaje Isi yose ngo igisirikare cuburundi carakoze amahano ngo mukwica abarwanyi bamanitse amaboko?. Nimugendebashatwarabamenye ko munezerezwa nokuvuga ibintu bisambura canke vyogukokeza. Ariko turihamwe ngoja too.

  • MUKWINJIRA BINJIRIYE INZIRA IMWE ARIKO MUKUGISOHOKA BAZOCA MUNZIRA IGIHUMBI
    MURINDIRE MURABE INGENE BAMARANA
    NGO ARASENGA? NIVYO UMU FREE MASSON NI NKURUNZIZA

  • Peter!we wigize uwimana nayo nticokozwa kand iraraka niyo yavyivugiye.wigira sindabibazwa kandi uri sebarundi,reka Imana ikore we uri atome imbere yayo uzovaho u petta

  • Buraca abatutsi ukomwaje mudusanga mugisoda murakidusigamwo ntakibuza! Ariko twariyemeje kuzokwama tubumbatira umutekano wagahigukacu dukunda kakaduhimbara.

  • niyombare imana ninkuru irakubona nahoyobakwaka bose imana isafise kugukingira ubuzima bwawa koko washikirije ivyabarundi ataribake twari gushikiriza ucuraduserukira nayo petero nkurunziza nawe nahirahire atanze kwazitoza torabe mbega arabona neza kwarimana yiburundi konzi kidahinduka arimana yonyene natenswate

  • @ Vaho, ntugakinatishe uwusenga Imana, ariko ntibitangaje Yesu igihe yarijumusaraba hariho igisuma camubwiyengo : Kowewe urumqana w’Imana ntikwikura kwuyu musaraba? Ndakubwirako uyumusi Yesu nimuzuma, ariko uriyamwambuzi vyararangiye. Nagombakubabwirako kuba prezida yarashoboye kwemanga akavugati Yesu nu Mwami wiwe kandi Prezida agacabugufi agapfukama kubwuwomwami Yesu, rindira ntimurabona akataraza karinyuma erega uwo Yesu mwumva nigitero kitigera gisubizwa inyuma kandi ntahocigeze gitsindwa.

  • Nimba ntutinye ubukozibwibi murabunganya gumahamwe mwaranye imyaka ingahe? Mwicabantu somaneza bibiriya yera at ucisha inkota nawenyene azokwicishwa inkota 2 musize inkona imberenturimwo? Mumaguru ifisiki imisiyinkozizikibi iraharuye wewe urashikiwe ntutinye uzokoregwankivyowakoreye abandi nawenyene nihanyuma

  • qui tue par l’épée mourra par l’épée!!!

  • AZIRAUBUSA KUKOYAVUZE UKURI YIHANGANE APFIRIBANGARYABGABO MURAZE

  • NKURUNZIZA NUMURONGOZI MWIZA NIYOMBARE NAWE MBO KO YASABA IKIGONGWE PETER HANYUMA NIBAZA KO UMUTEKANO WHWE BAZOWUKINKIRA

  • icotwosab namahor numutekano wamaho?

  • Godefroi niyombare koyakoze akabikabishe nkakoo azogarukamuburund?mbe arihehe?

  • none abasoda bahozebarimurireta kobandanyakwicwa abandi bafungwa nonebizohererahe?

  • Mbega Niyombare Niw Yabona Ko Mutama Wacu Ariwe Yari Kwemera Ko Abarund Bosubira Kurara Rubunda?Ahubwo Niyombare Niwe Yashaka Gusubiza Uburundi Mukaga Akibagirako Twamaze Guca Ubweng Tutagihendwa Nabanyeporike Bamwebamwe Bishakira Inyungu Zabo.Non Koyari Mwigendereza Akaba Yaciye Ahendwa Nabagenziwe Non Ubu Bariko Bamufasha Iki?Naho Yari Umurundi Wijunj Ntajambo Yabanye!Yibagiyeko,baca Umugani Ko: "Utambana Nam"ukeba Adakubita Urugohe !Murakoz.

  • Bakwiye Kumvikana Kuko Atayindi Nzira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.