Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutekano warongerejwe mu minsi iheza umwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umutekano warongerejwe mu minsi iheza umwaka

Umutekano warongerejwe mu minsi iheza umwaka

mardi 1er Nzero 2013

Mu gihe umwaka wa 2012 uheze tukaba dutanguye umwaka wa 2013,reta y’UBurundi yarafashe ingingo zo gukomeza umutekano kugira muri ino minsi mikuru iheza umwaka umutekano uzobe uri ku rugero rushimishije.

Mu ntumbero yo guhimbaza iminsi mikuru iheza umwaka,reta y’UBurundi yarafashe ingingo zituma umutekano w’abanyagihugu udahungabana. Reta y’UBurundi ikaba isaba rero abo bose bategekanya guhimbaza iyo minsi mikuru bari hamwe ari benshi kubanza kubimenyesha abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano.

Muri iyo ntumbero nyene umuziki n’intambo bibera ku mugaragaro bikaba bibujijwe inyuma y’isaha zine z’ijoro.Ku bijanye n’umutekano wo mw’ibarabara,igipolisi kikaba casabwe gukoresha ubuhinga bwa alcotest kugira bashobora kubona abagendesha imodoka banyoye inzoga.

Mu kurangiza reta ikaba imenyesha abanyagihugu ko mu gihe hokwaduka umuriro ko bohamagara ku nimero itariha 113, nayo mu gihe c’ubundi bugizi bwa nabi boterefona ku nimero 118.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.