Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuyagankuba, gutanga akazi, inzara mu banyagihugu bimwe mu bigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umuyagankuba, gutanga akazi, inzara mu banyagihugu bimwe mu bigiye (...)

Umuyagankuba, gutanga akazi, inzara mu banyagihugu bimwe mu bigiye kwitwararikwa

lundi 8 Nyakanga 2014

Uburundi buri mu bihugu cumi na bitanu bizobandanya umugambi ugira kabiri w ikimpumbi w’inyuma y’umwaka w’2015, ivyo vyavugiwe mu nama yagirishijwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta n’ugutunganya imigambi y’igihugu.

Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko umugambi wa mbere mu Burundi wafashije mu kwigisha abana beshi mu mashure mato mato k’ubuntu aho bashitse ku gitigiri gishimishije, mu kugabanya abana bapfa bariko baravuka hamwe n’ igitigiri c’abavyeyi bapfa bariko baravyara, cagabanutse ikinda kandi,akaba ari ukouyo mugambi wafashije no kungana kw’ibitsina bija mu mashure.

Uyo mugambi icatumye ubandanya mu Burundi nk’uko umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta yabivuze, n’uko basanze hari ivyo utashitseko kandi vyari nkora mutima kw’iterambere ry’igihugu . Umugambi ugira kabiri uzotangura inyuma y’umwaka w’ 2015 ukaba uzoshimikira cane ku migambi bari bihaye gukora batashitseko, nayo iyiza imbere ikaba ari nk’ abanyagihugu bagifungura nabi, ikibazo c’umuyagankuba bakaba bagumye bakigarukako kuko umuyagankuba ariyo ontango y’iterambere, akaba arico catumye ico gisata bakigarukako cane, n’ukuronsa akazi abatagafise.

Mw’itegurwa ry’uwo mugambi ugira kabiri w’ikimpumbi bakazoshiramwo abantu bose babona ko bafise ico boterera kugira iyo nteguro ijemwo ibintu vyose vyofasha abarundi gutera imbere. abazotegura uwo mugambi bazova muntara zose z’igihugu hajemwo abaserukira abatowe, abarongoye intwaro, abaserukira amadini yose akorera mu Burundi, abaserukira amashirahamwe ategamiye Reta, abikorera utwabo, abaserukira amashirahamwe y’abakenyezi, abamenyesha makuru, abaserukira urwaruka hamwe n’imirwi usanga yaribagiwe.

Amanama yo gutegura iyo migambi akaba yarateguwe kur’uwu wambere igenekerzo rya 8 Nyakanga gushika kuwa 12 uku kwezi nyene, mu turere tune twateguwe hakaba hazohurira abantu bose baje bava muntara zose zigihugu. Intara yose ikaba izozana abantu 70.

Amakuru ava mu buyobozi bujejwe gutegekanya n’ugutegura imigambi y’iterambere y’igihugu avugako bahejeje ayomanama bazoca bagira imigambi y’imfata kibanza, aho bazoca bayirungika ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu bitarenze igenekerezo rya 26 Nyakanga.


Anitha Bizimana

Messages

  • nimba muba mushaka gutwenza abantu aho ntimubona kovyabatekurukanye ngwamanama, muba mushaka kurya amahera yigihugu gusa izo nama ziba amatariki yose yomukwezi kuva mushitse kubutegetsi niki kiraja mungiro, akokajambo kugutwenza abantu ngo ABANA BIGA KUBUNTU ABAGORE BAVYARA KUBUNTU.nimumbwire ikirenga ako kajambo barashikiriza amahanga yose aho bagenze naho batarashika barakazi , ahobashika hose uwo bahaye ijambo niko kaba titre. kakongera kakaba point muratwengeje enda baraja barahenda twebwe twabamenyereye., nko kubona ministre ahenda ABASHINGA MATEKA NGO UMUYAGANKUBA EJO AHOBUKERA URABA WABONETSE gushika nubu.amaso aracari mukirere ...gouvernement burundais igizwe avec ds comédiens birababaje kubona ico babashiriyeho atarico bakora

  • reka kubesha abarundi umuyagankuba umaze imyaka irenga itanu igisagara kitagira umuriro hari abantu batunzwe nawo abarundi turihangana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.