IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi (...)

Umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi yitavye Imana

lundi 21 Ntwarante 2016, par egide

Uwahora ari umuyobozi mukuru w’ishengero rya Zion Temple Celebration Center mu Burundi yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 20 Ntwarante 2016. Bishop Kajabika Ruben asanzwe ari mukuru wa Apotre Paul Gitwaza umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center kw’isi yose.

Amakuru dukuru ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi amenyesha ko abakirisu b’iryo shengero bakiranye umubabaro urupfu rwa Bishop Kajabika Ruben bamwe bafata nk’umuvyeyi wabo, abandi umuvukanyi, abandi nabo umukozi w’Imana, bose hamwe bakamusabira kuruhuka amahoro, ndetse n’Imana igakomeza abo asize.

JPEG - 57.2 ko
Bishop Kajabika Ruben, imfura mu bana indwi, akaba mukuru wa Apotre Paul Gitwaza

Bishop Kajabika Ruben yakoreye cane ahitwa mu Bijombo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akorera kandi i Kinshasa, aho asanzwe yakurikiraniye amashure.

Bishop Kajabika Ruben, imfura mu bana indwi, akaba mukuru wa Apotre Paul Gitwaza yahitanwe n’ingwara y’igisukari yari amaranye iminsi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.