IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwaka w’ishure 2015 - 2016 muri ISCAM watangujwe : Amafoto

Umwaka w’ishure 2015 - 2016 muri ISCAM watangujwe : Amafoto

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Mu bigo vya Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires) hatunganijwe kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri ibirori bitandukanye vy’ugutanguza umwaka w’ishure w’2015-2016. Ivyo birori vyose vyari bihagarariwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Muri iyo kaminuza, habaye ibikorwa vy’ugusozera indwi ya Kaminuza yahariwe ubuhinga, imico kama hamwe n’inkino.

Habaye kandi ukubisikanya hagati y’umurwi wa 42 w’intwazangabo hamwe n’uwa 43, hatangwa kandi n’impapuro z’umutsindo ku ntwazangabo zo mu murwi wa 41.

Muri ivyo birori, hakiriwe kandi umurwi wa 46 w’intwazangabo w’abanyeshure bashasha.

Muri uwo murwi w’abanyeshure bashasha, ibitigiri vy’uguserukirwa kw’amoko vyubahirijwe. Abanyeshure bose hamwe bagize umurwi wa 46 ni 87, bakaba bagizwe n’abahutu 43 hamwe n’abatutsi 43, n’umutwa umwe. Muri abo banyeshure, abakobwa ni indwi.

Amwe mu mafoto yaranze ivyo birori


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.