Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanywanyi 70 ba MSD bagirizwa icaha kimwe mw’ibohero rikuru rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanywanyi 70 ba MSD bagirizwa icaha kimwe mw’ibohero rikuru rya (...)

Abanywanyi 70 ba MSD bagirizwa icaha kimwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

mercredi 12 Ntwarante 2014

Abanywanyi b’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarite et la Démocratie) baharurwa muri 71 nibo bamaze kwinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, kuva ku munsi wa gatandatu, inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’urwaruka rwa MSD, n’abaporisi, ku ngoro y’umugambwe MSD iri muri komine Kinindo.

Bamwe muri urwo rwaruka rw’umugambwe MSD bafashwe kuri uwo munsi nyene, abandi bagiye barafatwa kuva bukeye ku munsi w’Imana, hakaba hari abafatiwe mu micungararo y’iyo ngoro y’umugambwe, abandi bafatwa bari mw’ikarashishi. Bose uko bafashwe, bagirizwa icaha kimwe : imigumuko yari irongowe n’umukuru w’umukuru w’umugambwe Alexis Sinduhije. Umwe gusa muribo, Christian Matuturu, umunyagihugu aba mu Kinindo ahegereye iyo ngoro y’umugambwe MSD niwe akurikiranwako icaha kidasa n’ic’abandi. Uwo yisangije icaha, Christian Matuturu yagirizwa ko ariwe yafashije Alexis Sinduhije gutoroka, kuko yoba yaciye muryahumye abaporisi aciye mu rugo iwe.

JPEG - 42.6 ko
Christian Matuturu yagirizwa ko ariwe yafashije Alexis Sinduhije guhunga ava mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo

Muri APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues), ishirahamwe ryiyemeje gukingira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bamenyesha ko ivyo Christian Matuturu yagirizwa bitagira ifatiro, ko azira umukeko. Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH asigura ko ku ntureka yari ihari aho mu Kinindo, Christian Matuturu atari afise umwanya wo kubona abariko baca mu rugo iwe, mu gihe n’amasasu n’ivyuka bikoroza amosozi vyari vyinshi. Muri APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) baranegura kandi kubona hari abanywanyi ba MSD bakuwe ku bitaro aho bariko baravurirwa, bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kandi n’amagara yabo atari bwifate neza. Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko aba bapfungwa babayeho ubuzima buteye agahinda.

JPEG - 55.4 ko
Muri APRODH baranegura ko abakomeretse batwawe mu Mpimba batarakira inguma

Egide Nduwimana

Messages

  • Un de mes professeurs me disait ceci: "Si vous avez un problème et que vous commencer par chercher la solution sans commencer par chercher l’origine du problème, c’est que vous allez trouver une fausse solution àun vrai problème." Ce qui se passe au Burundi, c’est digne d’un roman. Quand un pouvoir refuse de célébrer la journée de la femme dans la paix, la seule qui leur est consacrée dans l’année. Quand des policiers se manifestent par des prises en otage hasardeux des principaux partis politiques d’opposition. Quand des policiers acceptent des ordres de commandement qu’ils trouvent insensés, mais qu’ils acceptent tout de même au risque de perdre leur sang comme ce Monsieur... Et pire encore, quand le chef de l’Etat se manifeste par se grand silence!

  • Pendant le temps de Martin Lutter King,Un des leaders qui était avec Martin L.K disait aux peuples Américains:"When the Injustice Reigns,Then the Resistance is the only Solution,though many will be drawn into Custody,all Will Never be held Prisonners."

  • Ndaguy ndagaruts nne ko iyi site yanyu muvuga ng n’abarwanyi ba Msd!!!Imbonerakure bobo n’abarwanyi ba CNDD FDD??atar uko naho iki kinyamakuru canyu har aho cegamiye kbera nta mu journalist n’umwe aremeza k bar abarwanyi kko nta nkoho bari bafise kandi ntana tenue militaire bar bambaye!!!Ntimukabe nkayama radio y’ibinyoma nkaza Rema n’izindi quand meme!!!!Uwo muntu yandika zino article ab abanza gushira akarangamutima kakazi imbere yuko avuga kumpande imwe(yaba DD)

  • twebwe turimumahanga tubona ivyoreta iriko irakora biteye kubiri nakaranga kigihugu iyo umuntu arimubikorwa vyiwe reta ica imufata ngo numwansi reta inaniwe gutwara kuneza yabarundi nikinjure ibise abandi twarushe nokwiicwa naCNDD nibareke kukoresha inguvu zokwica abantu; ALLEXI SINDUHIIJE yarivunye umwansi kuko yari mubikorwa vyiwe; umugabo ahuye nuhumusotora ategerezwa kwivuna; ahubwo reta niyisubireko ireke kuhonyanga amategeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.