Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’icayi warongerekanye mu mwaka uheze w’2012 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwimbu w’icayi warongerekanye mu mwaka uheze w’2012

Umwimbu w’icayi warongerekanye mu mwaka uheze w’2012

jeudi 17 Nzero 2013

Ihinguriro ry’icayi mu Burundi OTB rirashima ingene umwimbu wagenze mu mwaka uheze. Mu mwaka w’2011 hari habonetse amatoni arenga ibihumbi 8, mu mwaka w’2012 naho habonetse amatoni arenga ibihumbi 9. N’amafaranga yinjira mu kigega ca Reta ngo yiyongereyeko ayarenga imiliaridi 10.

Ihinguriro ry’icayi mu Burundi OTB rimenyesha ko ryongereje umwimbu mu mwaka uheze w’2012. Umwimbu w’icayi ngo wavuye ku matoni arenga ibihumbi 8 mu mwaka w’2011 uja ku matoni arenga ibihumbi 9 mu mwaka uheze w’2012.

Mu kiganiro umuyobozi mukuru wa OTB Alexis Nzohabonimana yahaye abanmenyeshamakuru kuri uyu wa kane, yamenyesheje ko n’amafaranga jinjira mu kigega ca Reta avuye mu gitegwa c’icayi yiyongereyeko imiliaridi zirenga 10 z’amarundi. Nzohabonimana yavuze ko mu mwaka w’2011 hari habonetse amafaranga arenga gato imiliaridi 29 hanyuma mu mwaka uheze w’2012 ngo habonetse amafaranga arenga imiliaridi 39.

Ivyo ngo vyavuye kukwitanga kw’abarimyi bitayekoigiterwa c’icayi hamwe n’ihinguriro OTB ryatanze umwavu ukwiye.

Umuyobozi wa OTB yamenyesheje kandi ko n’umurimyi yahatoreye akoyokwe mukuronka agashirukabute. Umurimvyi wese w’icayi ngo yaronkejwe amafaranga 100 ku kilo kimwe, umuntu aharuye ibilo vyose yashoye vy’icayi umwaka wose ku mahinguriro yose ya OTB ari mu Burundi.

Naho biri uko, Alexis Nzohabonimana avuga ko ingorane zozo zitabuze muri ico gisata c’icayi. Avuga cane cane ingorane ziri mu bijanye n’amategeko agenga amashirahamwe ya Reta mu gutanga amasoko nk’iyo hakenewe kugurwa ibikoresho, umwavu wo gutabira icayi n’ibindi. Ngo kenshi na kenshi hari igihe hajamwo ka mwana wa mama canke ibiturire. Asaba ko ababijejwe bobihinyanyura hajamwo umuco.

Igiterwa c’icayi kigira kabiri mu biterwa njabukamazi havuye ikawa bizanira amafaranga y’agaciro u Burundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.