Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’ikawa mu Burundi waragabanutse birenze ku mvo zitandukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwimbu w’ikawa mu Burundi waragabanutse birenze ku mvo zitandukanye

Umwimbu w’ikawa mu Burundi waragabanutse birenze ku mvo zitandukanye

jeudi 31 Nzero 2013

Umwimbu w’ikawa wavuye ku matoni 30 uja kuri 25 muri iyi myaka iheze ku mvo zitandukanye, harimwo n’itituka ry’isi.

Umuyobozi mukuru wa AFRICEL akaba ashinzwe amategeko mu gisata c’ikawa mu Burundi, Evariste Ngayempore yaramenyesheje imvo zimwe zimwe z’itituka ry’isi.

Aha avuga nk’umwavu w’ikizungu uba utameze neza,ibiti bishaje, no kudakurikirana bihagije abarimyi b’ikawa. Avuga ko kugira izo ngorane zitorerwe umuti ari kuzana umwavu n’imivyaro myiza, hamwe no gukurikirana bihagije abarimyi b’ikawa.

Leta nayo nyene yarafashije mu gisata c’ikawa, mu kugiriranira amasezerano n’umugambi w’abanyabulaya KAHAWATU, uzotanga imiliyoni cumi z’amadolari y’abanyamerika, mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata.

JPEG - 9.2 ko

Jean Michel Ndayikengurukiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.