Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’ikawa ubandanya kugabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwimbu w’ikawa ubandanya kugabanuka

Umwimbu w’ikawa ubandanya kugabanuka

mardi 4 Kigarama 2012

Icigwa cakozwe kubijanye n’ikawa mu Burundi uhereye mu myaka ya 1970 gushika uno munsi cerekana ko umwimbu wagiye uragabanuka cane ariko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’ikawa y’uburundi kikaguma kiduga ku mwaka.

Benshi baribaza ingene umwimbu w’ikawa uguma ugabanuka ariko igiciro naco kikaduga kw’isoko.Umuhinga yakoze icigwa kubijanye n’igiterwa c‘ikawa mu Burundi Karangwa Charles avuga ko imvo nyamukuru ari ihindagurika ry’ibihe, ibiti vy’ikwa bishaje, isi yaze n’ibindi.

Karangwa avuga ko umuntu wese yifuza ko ikawa imuha umwimbu mwiza yoyikorera, akayisasira, akayishiramwo ifumbire ikwiye, agakurako ibiti bishaje akabisubiriza.

Nayo kubijanye n’imicafu iva mu mahinguriro, uyo muhinga ati ‘’iyo micafu na cane cane ibisigarira vy’ikawa vyofasha mu kwongereza inguvu mu bijanye no kwongereza ifumbire kuko vyotuma umwimbu wiyongera nakare abantu babona ko ari ivyo kwonona ibidukikije ‘’

Karangwa Charles ahamagarira reta gushira uburyo bwinshi muri ico gisata kuko kizanira amafaranga menshi y’agaciro igihugu.


Mayonga Jean Marie

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.