Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu wa OBR warasubiriye inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwimbu wa OBR warasubiriye inyuma

Umwimbu wa OBR warasubiriye inyuma

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Nk’uko bavyiyemeje, uko amezi atatu atashe, abarongoye ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya Leta mu Burundi OBR ( Office Burundaise des Recettes) barakoranya abanditsi n’abamenyeshamakuru, bakarabira hamwe ivyaranguwe.

JPEG - 36.4 ko
Umuyobozi mukuru wa OBR, komiseri Kieran HOLMES ari kumwe n’abo basangiye ayo mabanga

Umuyobozi mukuru wa OBR, komiseri Kieran HOLMES ari kumwe n’abo basangiye ayo mabanga berekanye ibikorwa vyaranguwe mu kiringo co kuva mu kwezi kwa Nzero gushika mu kwezi kwa Ntwarante, umwaka w’2013. Ibikorwa vyaranguwe ahanini kwabaye ukudondora abatanga ikori, kwishuza abaheranye n’abagifise ibirarane, n’ibindi.

Komiseri Kieran HOLMES yamenyesheje ko umwimbu wagabanutse bagereranije n’ihangiro bari bihaye. Ku mafaranga y’amarundi imiliyaridi amajana abiri na mirongo itatu(230) bari biteze, bashoboye gutororokanya imiliyaridi ijana na mirongo ine n’ibice bibiri gusa(140,2). Ivyo bikaba vyaturutse ahanini ku tegeko rishasha rigenga itangwa ry’ikori riheruka gutorwa n’inama nshingamateka, iryo tegeko rikaba ryatumye bahomba amafaranga angana imiliyaridi zitatu n’ibice icenda y’amarundi(3,9) bari biteze mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante.

Isubira inyuma ry’umwimbu wa OBR ryunyuwe kandi n’ubutunzi bw’igihugu butera busubira inyuma hamwe n’isoko nkuru ya Bujumbura yashiye kw’igenekerezo rya 27 Nzero umwaka w’2013. Komiseri Kieran HOLMES yamenyesheje ko bamaze gushikiriza Leta y’Uburundi intererano yabo kugira haboneke ihinduka, bakaba barindiriye ko inama nshingamateka iheza kuvyiga.

JPEG - 48 ko
Abamenyeshamakuru

Abamenyeshamakuru bari bitavye iryo sango mu nyubakwa za Roca Golf Hotel bashatse kumenya igituma umwimbu wa OBR wasubiriye inyuma kandi Uburundi buheruka kuronka ikibanza ciza mu cegeranyo ca Doing Business. Abarongoye OBR basiguye ko bisaba umwanya kugira ivyamwa biboneke. Ku kibazo co kumenya namba abatanga ikori babisigurirwa neza kugira babikorane umutima w’ugukunda igihugu, Kieran HOLMES yashikirije ko bafashwe mu mugongo na USAID, bagiye kurwiza inyigisho ku banyagihugu zerekana akamaro ko gutanga ikori, bakaba bazobicisha mu biganiro, n’ivyapa, gutyo twese hamwe twubake igihugu mu gutanga amakori.

Umukuru w’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori mu Burundi yarangije amenyesha ko mu gihe ca vuba bagiye kwimukira mu nyubakwa nshasha, yagutse, ivyo bikaba bizofasha gutunganiriza ababitura. Bisubiye, bazorwiza aho bakirira abatanga ikori, bongere bateze imbere ubuhinga bwa none bakoresha mu ntumbero yo kworohereza abatanga amakori mu Burundi.

JPEG - 40.7 ko
Abamenyeshamakuru bari ngaho

Egide Nduwimana

Messages

  • Abanyagihugu ntibiyumvamwo gutanga ikori kubera ntibabisigurirwa neza. Vyiza amahera avuye muri OBR botwereka ibikorwa vy’iterambere yakoze, gutyo twese tukaronka intege yo kuriha ikori. Mbere benshi biyumvira ko aja mu mifuko ya bamwe bamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.