Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Umwumvikano urakenewe ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Umwumvikano urakenewe ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)

"Umwumvikano urakenewe ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro"

mercredi 4 Kigarama 2013

Mu runani rw’amashirahamwe y’abakenyezi RAFL basaba Reta hamwe n’abanyeporitike, gushira imbere amahoro n’umwumvikano hamwe n’ibiganiro bihuza bose.

Mu gihe hamaze imisi hibonekeza impari zitari nke ku vyerekeye umugambi wa Reta wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, abatari bake barabandanya kugira ico babivuzeko. Urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi ashira imbere iterambere mu Burundi, RAFL (Reseau des associations des femmes) bateye akamo Reta y’Uburundi gushira imbere ibiganiro, kugira hashikwe kw’ibwirizwa nshingiro ryemerwa na bose. Ivyo vyamenyeshejwe, mu kiganiro umupfasoni C hristine Niyonkuru umuvugizi w’iryo shirahamwe yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 3 Kigarama 2013.

Intumbero rero yari iyo kwerekana aho bahagaze nabo muri kino gihe ku bimaze iminsi bivugwa mu Burundi, na cane cane amajambo amaze iminsi ashikirizwa n’abanyeporitike na Reta kuvyerekeye ibwirizwa nshingiro.


Floxella Karire

Messages

  • Nukuri Birakwiyeko Reta Nabanyepolikike Boshira Imbere Ibiganiro Bakumvikana Gusumba Kuja Mumabarabara Bajinama Kuvyobohurirako Bose Nakare Ngo Ibigiye Inama Bigir’Imana.

  • aba dd ntibshoboka bobo bazi ko abandi batakwiye kuvuga nimurindire..
    Peter ntasubire kutubesha nabanze arwaze Adolphe ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.