IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UNICEF isaba ko abanyeshure bokwubahirizwa mu Burundi

UNICEF isaba ko abanyeshure bokwubahirizwa mu Burundi

mercredi 8 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

UNICEF, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho abana, kimenyesha ko gitewe umutima uhagaze n’abanyeshure bahagarikwa, abirukanwa mu mashure hamwe n’abakomerekera mu mashure y’Uburundi.

UNICEF ihamagarira impande zose zegwa n’indyane za poritike mu Burundi kwubahiriza uburenganzira bw’abana bwo kuja mu mashure kandi bakabakingira ubwicanyi.

Ivyo vyamenyeshejwe kuri uwu wa kabiri mu nama yama iba uko indwi zibiri ziheze, i Geneve mu Buswise.

UNICEF ibicishije ku muvugizi wayo, Christophe Boulierac, imenyesha ko ku magenekerezo ya 26 na 27 z’ukwezi kwa Rusama 2016, abana 334 birukanwe mu mashure yo mu Ruziba, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, bakaba bahowe gusibanganya ibitabo vy’ishure birimwo isanamu y’umukuru w’igihugu. VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko kuva ico gihe bahamagawe gusubira kwiga ariko bamwe baratinya gusubirayo.

Kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2016, UNICEF imenyesha ko abanyeshure batari bake bo mu mashure atatu yisumbuye mu ntara ya Muramvya bahagaritswe ku mvo nk’izo nyene z’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bigiramwo, mbere batanu muribo bakaba bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya.

Umuvugizi wa UNICEF, Christophe Boulierac avuga kandi ko abana barenga 300 bapfunzwe, mu gihe abashika kuri 30 bamaze kwicwa kuva indyane zifatiye kuri poritike zitanguye mu Burundi mu kwezi kwa kane umwaka w’2015.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.