Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaporona baviriye hasi ikibazo c’ingoro yabo yo ku Mugumya yugarijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abaporona baviriye hasi ikibazo c’ingoro yabo yo ku Mugumya yugarijwe (...)

Abaporona baviriye hasi ikibazo c’ingoro yabo yo ku Mugumya yugarijwe n’igiporisi

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Abadasigana ba Uprona bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko batagiye guheba ingoro y’umugambwe wabo, mu gihe yaba umushingamateka, umukenguzamateka canke uwundi wese, iyo ngoro ayiraba nk’ibwishwa, uwuyinjiye nawe kugira ayisohoke, bikaba ingorane.

Abadasigana barenga ijana barakoraniye ku munsi w’ejo kuwa kane, hafi y’ingoro yabo yo ku Mugumya, aho bagize urugendo rubashikana aho hari iyo nyubakwa. Haciye akanya gato, baca bararirimba ururirimbo rw’umugambwe wabo imbere y’abaporisi basanzwe bacungereye iyo nyubakwa. Abo badasigana bikaba vyaboneka ko bafise ishaka ryo gushika mu ngoro yabo, naho batorohewe kuko abaporisi baciye bamera magabo.

Umushingamateka Popon Mudugu, ari mu bashingamateka batowe mu gisagara ca Bujumbura mu mugambwe wa Rwagasore, avuga ko iyo ngoro batagiye kuyiheba. Avuga ko atari ingoro y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ati kandi si n’ingoro y’umugambwe CNDD FDD. Avuga ko bagiye kwama imbere y’ingoro yabo, mpaka bayinjire, kuko bibihabwa n’amategeko. Inyuma y’aho ku Mugumya, abo badasigana, bari kumwe n’uyo mushingamateka, bakaba bagize urugendo rubashikana ku kibanza citiriwe kwikukira.

Tukabamenyesha ko n’uyu munsi igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, abo badasigana bavuga ko basubirayo, kandi bakazokwama bagira ukwo nyene gushika bahinjiye. Bamenyesha ko igihe c’isaha y’icenda n’igice bahurira ku Mugumya, aho baza kugira inama. Umushingwamanza Patrick Nitegeka avuga ko bariko baraharanira intwaro rusangi mu Burundi. Uwo asanzwe arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura yemeza ko uko baza kuba bangana kwose bategerezwa kugirira inama mu ngoro yabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • reta yuburundi yiyumviriki kungoroyamba nimaramarebare kwishira mubitabaraba kuko bishobora gusubiza nyuma igihugu.

  • iyomihimbiri y’abaporona niyo ishaka kuzana akajagari mugihugu?mbebobanza bagakuramwo abobiyitakwari bakuru akaguma koca gahera:

  • ivyo muri upronambona uribo bazovyimarira

  • UPRONA na Reta boja hamwe bakumvikana maze vyose bikaja kumurongo,umuhuza w’abarundi nawe nyene yoja hagati yizo mpande zibiri akazihuza.

  • Komera komera uprona ,abibaza ko tiribake bazotungendereko barihenda .ntabwoba bashobora kudutera bihende bice, numuntu umwe hanyuma turabe ibwa numugabO ,nagire sabe aba DD ibuka iyomwavuye ?reka amanyama?!

  • sha ba porona komera DD ntisumba ababirigi mwatsinze kandi mwibuke ko rwagasore bamuphungiye i bururi maru 61 kugira bibe amatora ariko aphunguwe yaraburanye muri NATIONS UNIES arzinda ibi rero muri UPRONA c’est pas nouveau murarabe mu ma ducuments ya RWAGASORE. Ce qui est sur , la verité va triompher wait and see

  • Abadasigana! Mukomerecyane ndabakunda.

  • Ahaaah. "Birabe amata ntibibe amaraso" Iryavuzwe n’umunyarwanda! Iki ni nikiyumviro canje ntabwo hari abo twagiye inama canke nshigikiye; Ndasaba ko bishobotse kandi uretse kutagonda izosi ntakidashoboka. Aho uburundi bwerekeje nihabi kuruta ivyo bwabonye(Suguca umutima abantu biragatsindwa). Vy’ukuri Ndahamagarira urwaruka kuvyitwaramwo neza kandi bakenguza kuko bagiye kwongera kuharwa bazira imyanya mwiza ya bampema yuzuye.

    Ico kumenya n’uko Umukuru w’Igihugu n’abo bafatanije bokwigana ubwenge iki kibazo, Aho bukera twibukeko hari abanyapolitike bagiye hakurya aho gato, amatwi adusumira bashobora kuba barikwaha umuti, aho bukera urwo rwaruka ruzofata ivy’abandi bari bafashe mu misi irenganye kandi bobo s’utwo kuko bazohera impera n’imbere batahabuze. Ndaragura si mvura! Nsozera mvuga nti; Harahiriwe abataziteranya n’ababanyi babo bisunze ibi na biriya. Kuko amagaburanyama ageze abahemukiraniye aribo basigara babura uko bongera gusagira,ababiteye bigaramiye mu mitamenwa bigabanira ibigogwe vy’intashira! Uwokwibesha n’uwokomeza kuvugako Abadasigana bacitse imirwi (Ababibona uko sinobibahora ariko ntaho ryabaye) Abavugako bashigikiye iyo leta barusha agatima kubudasigana abayihunze, Ntabwo mvuzeko abayihunze ataribo ariko "RINDIRA IBIHE BIZOBIVUGA" N’Izo leta zahageze igihugu cabize urwuya kandi zatanguriye intambara mubinywabi! None izizoyitangurira murubavu no mu ntimatima zizoyigeza he?

    Muranyihanganira kuri iki ciyumviro canje kukireka kikarengana canke kukiyonza vyose bizomfasha cane gutahura abo k=ngicishijeko. Ni murambe.

  • Wewe wiyiyise Rev.jean claude,wibajije nabi gato,yuvuga uti:mbega abo baporona bibaza ko botsinda abakoresha ibihunda mukurasa indege zabaporona, ubu naho bafise ama lance locket! Ahubwo nibitonde na RWASA abireka ataruko avyobewe!

  • ndumva bigoye ahubwo nibashire inama imbere,nahandiho ejo uzumva uwaraha atumwikomo kubandi,jew nubu simbona inyumgu leta yoba ifise murivyo?irabuzibindikora ahokurwana na uprona.imburakimazi ninyishi.

  • UZOBANZE USUBIRE KWIGA KUGIRA UMENYE KWANDIKA IKIRUNDI WEWE WIYITA SETH .MBE URIBUKA MU MYAKA YAHEZE BANDIKA H KWIKOPI Y’UMUTU.URUHIGI RWARAHINDUKIRIYE IMBWA.NAHO URURA MUZOWUNWA!!

  • Muraza muribuka aho twavu naho tugeze. umwe wese ace yibaza ico yokorera mugenziwe mwijambo ry,imana at, ukunde mwene data wundi.

  • Wewe wiyita NTIMPIRANGEZA JC,ivyo wandika ntasiguro bifise,ico kinyagwanda kijabukane iwanyu mugwanda ugihanure Presidant KAGAME,kuki wiyobagiza ibitagenda neza iwanyu mugwanda,ukarazwa ishinga nivyiburundi?.ahubwo ntukomeye mumutwe,hama nawe MWARIna BIP T,NAKARIKURUBU nabo bandi muvuga ibisunitswe nimpwemu,nsinzi ko mwebwe musumvya ubututsi abandi batutsi,ubwo ntimwasaze?ivyo muriko mwandika muribaza ko bisomwa na benshi,jewe nguma ndaruta,ivyarivyovyose nimwatanguza iyo ntambara muriko muraririmba,mwibaza kwabazohunga igihugu ari bande??????!!!!.mbabwizukuri jewe ntimwikomere ikara mugashambara,nimwunve impanuro zumuvyeyi MAMA yama yabahaye.nuwitwa GIRAMAHORO,nsinobabesha intambara yubu muyitanguye izobahitana nimiryango yanyu mwebwe nyene mwayitanguje.nukogusa muriko mukwegera abavyeyi na bana na bagore Banyu.aba porona nibashire aho intahe yashize.urya mufasoni concilia nibamwubahe,abarongore gushika mumatora2015,nibareke kwisambura,babandanije nakirya kibanza vic presdt barimwo bazokibura muri2015,kandi bibuke kumugambwe wari2,mumatora2010 wari FNL.IPRONA ico kibanza siciwanyu,reka kugira amanyama.intambara yo NI CIRIMOSO icmbu cumutama ntavuze.nimuhinduke muve ibuzimu muje ibuntu mwaba tutsimwe baba Prona.

  • Nahora nanka aba DD ariko ubu ndabakunze. Twamaze imyaka muntambara kubera iyo mihimbiri yishe NDADAYE none wumvengo bararyogora!! Ahubwo iyobabanza bakabamena iyomitwe nanyu. Twabuze vyinshi tubura benshi namwe mwiyicariye za bururi naza bujumbura, mwarubatse muratunganirwa none mushaka kugumana amanyama yanyu! Sha Aba DD nibabakubite pe turabashigikiye ahubwo ngiye kubatora mumatora azoza. Bahashe bahashe akarenganyo nibo bagatangiye mukwica NDADAYE. Amaraso yiwe niyo abagarutse reka muwote mwambwamwe.

  • Mwese murota intambara nuko mutayizi niyompamvumubivuga.Hama mwese mushigikiye leta nivyo ihaye ikora nibazako arutwo tu opotinite mwaronsetwokuza murakizura amazuyabandi mwica ibiremwa vy’Imana ariko mubikore mubiziko nanyu bizobagarukako kandi muzicuza kuyora mwamazegusesa.

  • Wewe wiyita ntahokaja ngowahora wankaba DD nn urabakunze icocatuma ubanka wagirango kirahera murikimwe mwese mutunze nububenshi.urumwe muri beshintazopfaniyumvisemwo.wagirubu boze kubakunze baracacafuye mugenzi.urantangaje nkabandi ngimbeba irakizwa!

  • Wewe wiyita SIVYUBU,ivyo bitutsi urazi neza abo uriko urabibwira?.bawisonera sha kuko bizogutuma uramba,mbega uvuze imbeba ngo ntikizwa.uriyunvira neza uwo uba uvuze uwogukubita kuruwo munwa itisonera.uzurakora aho uhanvya sha,ahudahanvya harekere barebare.uragenda DOGO eyii wamwana aririmba agucire umugani,ninkuba iratinya umugano,umugano ugatinya umuriro.uraba wunva sha,usumbwe umugani numwana kandi rugukurukuye.

  • Nukuri biteye ubwoba,dusenge Imana yoyo isumba vyose ntamvura idahita kandi ikindi aba DD baribesha

  • Abafarasa ngo l,homme n,est jmais satisfait,hose ntaho badahendwauwo concilie immaka batwaye ntiyahaze narirya numva ngwafise abuzukuruza,ngira nabo mwiyo myaka iprona yatwara abatutsi bo muzindi ntara baribararenganijwe ko boba bahenda reka tubanze twivune umuhutu none basanze barahenzwebacinyijwe hamwe nabahutu.Nivyabaruko nimuwufate umugambwekanatsinda umugambwewaruwanyu Abanyamuramvya.

  • Jewe Icombona Nuko Bobareka Bakijira Kubera Igoro Ariyiwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.