Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Abarungikiye amazina umukuru w’igihugu ntabo bazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Abarungikiye amazina umukuru w’igihugu ntabo bazi

UPRONA : Abarungikiye amazina umukuru w’igihugu ntabo bazi

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi arashimisha n’uko Abadasigana basubiye kuja hamwe maze bakamurungikira amazina y’abo buca bakorana, harimwo amazina y’abashikiranganji batatu, hamwe n’amazina umukuru w’igihugu azokuramwo icegera ciwe ca mbere, nk’uko vyashikirijwe na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi wa Petero Nkurunziza.

Umushingamateka Karori Nditije ari mu barongoye UPRONA

Mu mugambwe UPRONA urongowe n’urwego rukuru rw’umugambwe bakaba biyamiriza ivyashikirijwe na Willy Nyamitwe. Umushingamateka Karori Nditije, umwe mu barongoye UPRONA yiyunze, avuga ko ayo mazina ataribo bayatanze, umurwi wayatanze atawo bazi. Avuga ko bo bariko baritunganya, kugira ku munsi w’Imana baze bagire inama ya komite nkuru y’umugambwe nk’uko babisabwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, kugira baheze batange ayo mazina y’abo buca baja gufashanya na Petero Nkurunziza kurongora igihugu.

JPEG - 64 ko
Willy Nyamitwe umwe mu bavugizi b’umukuru w’igihugu

Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu ntavuga abarungitse ayo mazina, ariko we yemeza ko ayo mazina yarungitswe na UPRONA. Ubu rero ibintu bikaba biri ukwo, mu gihe ku munsi w’ejo umupfasoni Concilie Nibigira yari yamenyesheje ko kuva aho Niyoyankana Bonaventure amenyeshereje ko ahevye uburongozi bw’umugambwe nk’uko yari yabisabwe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana, ubu ariwe awuramutswa. Ikindi kandi, ni ukwo uwo mupfasoni ku munsi w’ejo igenekerezo rya 11 Ruhuhuma, yari yamenyesheje ko ata mazina y’abazoja muri Reta aje gutanga.

Ubu rero igisigaye, abantu benshi bariko baribaza uwatanze ayo mazina. Bamwe bariko bibaza ko yoba ari Concilie Nibigira kuko kugeza ubu ataco arabarira abamenyeshamakuru kuri iyo nkuru nshasha y’abo buca bagena kuja mu nzego nkuru z’igihugu. Ibiriko biravugwa n’uko Prosper Bazompora, GITERUZI Dieudonné na Francis Ngaruko ariyo mazina yoba yarungikiwe umukuru w’igihugu kugira atoremwo rimwe, kuwoba icegera ciwe ca mbere.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turasaba aba Generari bintwaramiheto ko bokura ico kijuju ngo ni nkuru nk’uko muri EGYPT babigize. naho ayo mazina yotangwa ariko ntibazatwara umugambwe w’Umuganwa. mbega yemwe abashingantahe baraheze mu burundi bw’umuganwa???

  • Kumva Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ashikiriza benegihugu n’amakungu ko yaronse amazina y’abaserukira UPRONA muri Leta n’icegera ca mbere ciwe Karori Nditije na Ngayimpenda batabizi, bisigura ko Umugambwe UPRONA uri mu kangaratete mukugir’amababa azokwankana urunuka. Ndi Nkurunziza Pierre, norindira iyo liste Karori Nditije na Ngayimpenda bazotanga bavuye mu nama yabo y’uwu wa Mungu. Hakurikijwe amategeko n’impanuro y’abarundi, nkabona gushikiriza amazina yabo nashimye kuja muri Leta na 1er vice-presidence. S.E. Nkurunziza Pierre nk’umuvyeyi w’abarundi bose, abwirizwa kuvyifatamwo neza mu kuzuriza bose. Abo bagenda bicamwo ibice, ni ukubafasha atakuza bata induru ku ntwaro. Abo badasigana n’abadasiganakazi, kimwe n’iyindi migambwe, bapfa ibiti/inda. Kumbure ko na Nimubona Julien n’abo bose biyita IMPORONA bazoharonker’akoyoko.

  • Mbe Karikurubu ahubwo ntubarungike baje imbere hamwe n’umuryango wawe ariko nkwibutse ko mw’isi ata na hamwe aba extrémistes bigeze bateza imbere isi!Va i buzimu uje i buntu woye kwama urota gushira gihugu mu kaga.

  • mubisanzwe biriko biribonekeza cane ko ari let’s ya cndd fdd ariyo iriko arasambura imigambwe,kandi umukuru w’igihugu akaba ariwe ari kwisonga ryavyo, kandi nibaza ko ata ruhande narumwe ruzokwererwa niyo nyifato igayitse ,atari ukutuzanira akarambaraye. mbe ko hoho eduard yari yemeye inzego zumugabwe ko zemewe,none bazohava bihindukiza bemeze niyoyankana ko nawe bisa nibiriko bitamugora kuko nawe aguma yihindukiza mw ijambo? kiretse ko ubutegetsi bwa cndd fdd hariho ikindi kintu tutaramenya bobo bifuza gushikako !!! mugabo Imana yaremye iki gihugu c’uburundi ,isumba ingabo,kuko uburundi twabutuye Imana ,ninayo izobudutungira

  • Wewe wiyita karikurubu.uracari inyuma muvyiyumviro! Uracari muma coup d’étant?Turura noneho harabaye ntihakabe,kahise kabi dukwiye kukibuka,dutegura kazoza keza.ahubwo abadasigana ibiriko birababako sikubw umukuru w"igihugu ningorane ziri hagati muribo.

  • Mbega abarundi mwaramaze kwibagira uyo nyamitwe kuva muri 2005 ko amanyanga ariko kazi kiwe , erega ntarahinduka hamwe nabo bakorana . Ico nomuhanura nabe aba areka kuvuga ivyo bakora muri leta yabo ngoniko nahandi mubindi bihugu bigenda nkuko aheruka kubishikiriza mukiganiro , akarorero ningaha mugihugu ca afrika y’efo imigambwe ikora uko igomba ntamanyanga nkayo ya CNDD , ANC ikorera iyindi migambwe . Nyamitwearabizi kuko yarahabaye i durban niho yize college amenye ko nubu arigihugu c’iyubashekuri democratie , ubutungane bwigenga nibindi .

  • Jewe abamenyeshamakuru murantangaza musugaye Mutama abantu bakandika ibitutsi kandi mukabitambutsa iryonibara umuntu ashobora kwandikango President nikijuju mukabireka mbega uwo karikurubu ashaka kwibutsa akahitiye ahobavugango inkoho irasirahose ubutwaraciyubwenge muvyoroge uwatse uzatangurira iwawe uherere iwawe nimukine politike nkabafise ubwenge. murakoze.

  • Peter Nkurunziza Yahawe Igihugu Atabishoboye Aremera Agakorana N’abantu Batesha Abenegihugu Umutwe Niyegere Kagame Paul Amwereke Ubwenge Bwokuyobora Igihugu Muri Silencieux!

  • Bari bavuzeko bazotora uwundi mu VP mu wundi mugambwe!Nivyo bakoze!

  • None barabashonye nyene.ubwose ayo nazina yatazwe nande?ubwose abo bantu bari mumugabwe uyuhe?ubwose ntimubana ntimubazi.kandi mwe mwa banye protike mwe nimwe muzana imivumo ngaho muburundi mugatuma imana izana iseganya yimvura ikamara abantu.aho kuja kubomora ariya ma offici yareta aberamwo inama zimikoshi.mugume murwanira izo nda zanyu ariko muriko murica bene burundi.imana izobibabaza.

  • Abategetsi b’ibikenyi nka Petero mu kuva ku ntwaro basiga ibihugu vyabo mu marira n’agahinda. Exemple MOUAMAR KHADDAFI, HABYARIMANA JOUVENAL, ADOLF HITHLER. la liste est longue. Ariko nimba muvugako mwarenze ibibazo vy’amoko nimugire inama petero areke kwiyongera mandat ya gatatu nako ngo arashaka gutwara u burundi kugeza avuye kw’isi nka ROBERT MUGABE from ZIMBABWE.

  • Jewe ndasavye aba Uprona bahagarike amajambo maze bakore ivyo basanzwe bakorera abarundi. Mbe Yohani Bikomagu, Rumbeti, Busokoza, hamwe na Buyoya ntibarangije iyo mikenyuro Ngo ba dukorere aka jeste? Erega twatuntu twabitsa kumubanyi harageze ko tuja kubitsutsa. Ndazi Yuko bitaba nka 1993 Kuko ibimonyo vyinshi vyarashishwe nabo basuma. Ndizeye Yuko ubu noneho bica bigenda sawa kuko naba ba PH baterana ubwoba Safisha yarabadukuyeko. Harageze Yuko dusezerera les Diable noires. Umwanya uriko uraturengana kuko tuzosanga ibigega vyera

  • Aya mazina tuyatezeko vyinshi muri ibi bihe vy’amagume petero ateje u burundi: BUYOYA,BIKOMAGU,BUSOKOZA uwushaka gufuta umugambwe w’umuganwa. Turaziko amakungu yumva abo bashingantahe gusumbvya abarongoye igihugu muri iki gihe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.