Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Abashingamateka n’Abadasigana basavye Nduwimana kutababera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Abashingamateka n’Abadasigana basavye Nduwimana kutababera (...)

UPRONA : Abashingamateka n’Abadasigana basavye Nduwimana kutababera intambamyi

jeudi 10 Mukakaro 2014

Inama y’Abadasigana ba UPRONA itegekanijwe kuri uyu w’Imana kugira ishireho inzego zotatura impande zimaze igihe zitumva kumwe uko uburongozi bw’uyo mugambwe bwotunganywa, ntiyemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Edouard Nduwimana umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Iyo nama yari yatumweko n’urwego rukuru rw’umugambwe UPRONA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana akavuga ko uwo ubushikiranganji buzi ari umupfasoni Concilie Nibigira, abandi batazwi ari naco gituma iyo nama yo kuri uyu wa 13 Mukakaro itokorwa kugira abayiteguye ntibaze basange barenze amategeko. Umushikiranganji Nduwimana akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko umurwi w’umushingamateka Karori Nditije utemera n’inzego z’igihugu, ivyo akabivuga atangazwa n’ingene bahaye ikopi umukuru w’igihugu n’icegera ca kabiri, bagasimba icegera ca mbere Bernard Bazombanza asanzwe ari umudasigana wo mu mugambwe UPRONA.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana akavuga ko inama kugeza ubu bazi, ari iyitegekanijwe ku wa 27 uku kwezi, iyo nayo ikaba yatumweko na Concilie Nibigira. Avuga ko abafise ingorane bose, bokwitaba muri iyo nama, ibibazo bihanze UPRONA bikavugirwayo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji Nduwimana Edouard bikaba vyiyamirizwa nabari mu mugambwe UPRONA ishami rivuga ko ryiyemeje kwambika umutamana UPRONA.

Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA ishami rirongowe n'umushingamateka Karori Nditije

TasiyanoSibomana avugira UPRONA itemewe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana, akavuga ko bamaze kwandikira Concilie Nibigira nk’uko babisabwe n’abashingantahe, ariko akaba ataco yashimye kubishura. Uwo mupfasoni yagirizwa kuba akorana n’umugambwe CNDD FDD co kimwe n’umushikiranganji Nduwimana mu gusambura UPRONA, akagirizwa n’uruhande batumva kumwe uko umugambwe wokwigenza muri Reta no mu zindi nzego, kuba atarigera akoranya inama za komite nkuru y’umugambwe. Tasiyano Sibomana avuga ko inama yatumweko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13 Mukakaro, bayimenyesha gusa, ari naco gituma basaba ubutegetsi kutivanga mu bikorwa vyateguwe kuri uwu w’Imana.

Mwomenya ko no mu murwi w’abashingamateka ba UPRONA baja bamaze kwerekana aho bahagaze kuri izo mpari. Bonaventure Gasutwa arongoye umugwi w’abashingamateka baturuka mu mugambwe UPRONA, avuga ko bashimishwa n’itumwako ry’inama y’uwo mugambwe, inama yatumweko n’ibiro nshingwabikorwa vya komite nkuru y’uwo mugambwe. Mw’itangazo ry’uwo mugwi ryo kuri uyu wa 2, Bonaventure GASUTWA arongoye uwo mugwi w’abo bashingamateka, akavuga ko kazoba ari akaryo ko gutorera inyishu ibibazo bihanze uwo mugambwe wa Rwagasore.

Umushingamateka Bonaventure Gasutwa agasaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kutaba intambamyi y’iyo nama yatumweko.

Bamwe mu bashingamateka n'abakenguzamateka ba UPRONA

Aristide Nizigire

Messages

  • Abobashingamateka nibatihagararako wosanga murabahenze ngobave munamanshingamateka yu Burundi nkuko abari abashikiranganji bahenzwe bakemera bakaburiramwo vyose nkingatimenye! Basha bavuyemwo bobabakoze hariho abandibashingantahe bashoboye babatutsi barekereje ntagipfa nubundidukwiye kuzaturasabikanya, ariko ko Karori nawe arumushingamateka ntibovamwo. Karori yahamagaje abashikiranganji ngobavemuri reta kubera atarumushikiranganji iyoyaba arumushikiranganji ntabayarubahutse kuvugango bavemuri reta. Ababantu bavugangonabashingantahe jewe haraho banyobera, ehenimurabe barasinvye bandikira umukuru wigihgu bacabarasimba bandikira icegera cakabiri cumukuru wigihugu barubahuka barasimba icegera cambere cumukuru wigihugu! Mbegayemwe igihebiyumvirakwandika abobashingantahe baribahugiye mubiki kugira bakebure ntibasimbe urwego rukomeye mugihugu? Mbebasha abashingantahe ubwontibaribasinziye nkakera muzamirongo 72 ibararyaguye ntihagire icobavuga nunomusi bakinumye?????????? Iconobasaba nukomworeka gusubira kumaramarira kuri nyakwubahwa umushikiranganji wintwaro yohagati mugihgu Eaurd Nduwimana kukomukazi akora yisunga amategeko ahokuzarero muramwifatira mugahanga murazosaba hahindurwe ahomategeko igiherero atarahindurwa ategerezwa kuyisunga. Mboneyeho nogusaba abashingantahe bose naba IFB kuzosindukana niyonka kwitariki 27 nkuko nyakwubahwa Concillie Nibigira yabibamenyesheje muzobonereho nakaryo kokwisuzuma kugira musubirane uryamusintuzobapfeko umusa.

  • Wewe witazira nyoko, nsanze ata bwenge ufise , uri ikijuju uri inkandagira bitabo, ahubwo ukwiye no kuva kuri uru rubuga , mbe aho uvuga ngo uwo mushikiranganji yisunga amategeko wewe urazi amategeko agenga uwo mugambwe ? mbe abo wita aba IFB bo n’abaki ? abo wahamagaye ngo basidukane niyonka hahahaha uri igikeha bwenge pe ! Ico noguhanura genda wiyicarire ugume wibera ikijuju , ikigugu bakandagira nayo ivyo kwandika vyo birekere abazi kwandika kandi bumva ico bariko barandika ! Hahahaha !

  • @Ndimaso, kuvyukuri jewe kunyise ikijuju ariko nkabafise umuntu wumunyabwenge nkawe ntakinazo binteye kazima ndavufise uzokomeza kunyitaho, urakoze.

  • Bareke biyunge uwo mushikiranganji wintwaro yo hagati akwiye kumeny icajejewe kabisa nahahandi bizomukorako umusi azosezera ubutegetsiiiiiiiiiiii

  • Jewe sinjejwe kuwitaho , bureka kuzana uburofa kurubuga uvuga ibitubaka, aho wovuze ivyo wumva ukareka kuvuga amategeko atanayo uzi ! wewe niyo umuntu asomye ivyo uvuga aca abona ko nabo Bashikiranganji utabazi ! abo ba Concilia uvuga usanga utabazi ! ariko kubera wamenyereye kuvuga ibisunitswe n’umuyaga ukavuga ivyo utazi et surtout ivyo utumva ! urapfuma uziba !

  • ndagize mwiriwe jewe ico nobivugako nuko bokoranya inama za comune bakabivugira munama bose ariho bari eduari nabo ba nwanyi ba iprona bakabitorera ingo mumwumvikano numutekano muburundi vyobarivyiza bayaze bagahuza ndangije ti ijoro ryiza nimyumvikano myiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.