Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Bamwe bipfuza abarongozi batowe abandi bagashaka gutwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Bamwe bipfuza abarongozi batowe abandi bagashaka gutwara (...)

UPRONA : Bamwe bipfuza abarongozi batowe abandi bagashaka gutwara batatowe

samedi 28 Ruheshi 2014

Ikoraniro ryari ritegekanijwe kuba kugira ritature impari zimaze iminsi mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA ntirikibaye nk’uko vyemezwa na bamwe mu badasigana.

Iryo koraniro kaminuza ry’umugambwe wa Rwagasore ryari ryasabwe kugira abasanzwe bari mu rwego rukuru rw’umugambwe (comite central) bakorane, baheze batore umukuru w’umugambwe kuri uyu wa 29 Ruheshi uyu mwaka, rikaba ryasibijwe, imvo rero ikaba itaramenyekana. Ariko mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, bakavuga ko bipfuza ko iryo koraniro ryoba ry’abagize comite nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009, kugira inzego z’umugambwe zijeho, umugambwe wabo ureke kugumizwa mu maboko y’uwo bavuga ko yagenywe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mwomenya ko muri UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira batigeze bemera iryo koraniro ryo kuri uyu wa 29, nk’uko uyo mupfasoni yabivuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Concilie Nibigira avuga ko ariwe aramutswa uyo mugambwe akanawuserukira imberey’amategeko, avuga ko ikoraniro ritegurwa umwanya utari munsi y’umwaka. Amenyesha ko atagikorwa na kimwekiri kuri uyu wa 29 Ruheshi,uyu mwalka.

Umugambwe UPRONA rero ukaba uri mu ngorane z’ugucika ubunywenywe nk’iyindi migambwe isanzweitavuga rumwe na Reta, aha tukavuga umugabwe UPD Zigamibanga na FNL. Bamwe mu bari muri iyo migambwe yose uko ari itatu, bakemeza ko Reta irongowe n’umugambwe CNDD FDD ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bafise uruhara mu guca ubunywenywe iyo migambwe, naho Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abibeshuza.

Umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA ishami ritemewe na Reta
Concilie Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n'amategeko

Aristide Nizigire

Messages

  • Igihugu kitagira uburongozi bwiza ntagihugu kiba kirimwo mugabo nibaza ko demokarasi Nkurunziza et Nduwimana Nuko yitwa, kuko nta numwe kwisi agena uwumugwanya ndabibonye Muburundi hanyuma nibaza ko ata minsimikuru yo kuwa mbere mukakaro iriho kuko bazovuga ngo biganzuye iki bariko Baja hehe

  • Ewe consiliya uri igito ariko urabona ingene uriko urica umugambwe waduhaye kwikukira kubera inda yawe gusa, mbe basha uzobijana he ? ko atanagapande bazogutana, nukuri niwaba ufise umuntu agukunda aguhanure kuko ntiwibaze ko utariko wiyimbira iginogo ukora iciza ukagisanga imbere wakora ikibi ukagisanga imbere nibaza ko kananira bagabo ntiyimye nkuko musazawe yahenda abantu ngo numu porona frodebu itsinze yatwara idarapo kubera iki utoja muri fdd.cndd ukayikorera nyakuyikorera basha wewe ndaguhaye igihe gito ivyawe uzoba ubibona.

  • najew nohava nemera kwarivyo kuko concilie nimba akunda umugambwe kwatashaka kwegeranya bos cank agir decente mumakomine,mbe amatora azoba?numugambw uwuhe nuwuh?ngivyo ibibazo nibaza

  • Mwumvise ko azobahuza ejo lundi.ikaramu yanditse niyo ifuta arako kuri Upd na Fnl ntavyo azokora.mbaga abategetsi batwarira bose canke bamwe?

  • Erega nta banyapolitique dufise mu bihugu biri mu nzira y’amajanyuma.
    Ni nde yovuga ngo borendera ineza y’igihugu n’abanyagihugu?
    Ariko bitebe bitebuke hazoteba haboneke abantu bakunda igihugu n’aco nka Rwgsre na Snkra: Imana ibahe kuruhuka neza aho baryamye.

  • Amagore turoroshe gufatwa nabibi! Ubunyene ntakintu mubona ciza uyumufasoni yagiriye Concillie yakoreye abarundi mwanomezi aheze? Jewe uwo Concillie namugereranije na Rwagasore, Mutigute? Rwagasore yagaranira iteka nitekane koryokwiganzira muburundi nomubarundi, ariko ukoyabivuga niko abatashaka iryoteka nitekene ibivumvuri vyakomeza kwiyongera mumitwe arinavyo vyavuyemwo kumugandagura. Concillie rero amazekwitegereza akabona iyo ibintu biriko birajana kwarihabi yaharaniye iteka nitekane mu Burundi nomubarundi bamokoyose. Mutigute? Concillie iyoyashaka nawe gushirimbere ubwokobwiwe gusumba gushirimbere ineza yabarundi bomubwokobwose bugize abarundi, igihe aba UPRONA babashikiranganji baviriye muri reta haryibara ribaryaraguye, Umva uryamugambi icowarugamije; kwarukugira ivyafundikiwe mumasezerano yi Arusha vyogusangira ubutegetse kumokoyose yabarundi biveho mazebitwaze ko abatutsi babirukanye muri reta ngobicevyitwako igihugu gitwawe nubwokobumwe nkakera umutegowabo Concillie yarawuteguye nicogituma uyumusi bamwanka urunuka bakamwita kwakundinda, ngokandi yaragujije umugambwe wabadasigana UPRONA, Muvukuri ntawoyagujije ahubwo yabonyekure uwomuvyeyi yarikwiye nawe agashimwe kavuye mubarundi nokurwego mpuzamakungu kuko akabiyahagaritse kugirantikabe iyo atitanga vyariguhitana abarundi bataribake, abandi bagahungira mugihugu hagati abandihanzeyaco, amakungu agatangura guhangana nicokibazo, harakaramba Concillie Nibigira izina niromuntu. Nagombakubabwirako hariho abarundi bagumye mubuhungiro bwohagati mugihugu kubwokubera bamaze kubwirwako imigambinkiyo iherutse gupfuba izoba kukobamwe barimubabipanga abandi ntibamenya iyobijaniyobiva ninkomugihe ciyicwa ryumuhisi perezida Ndadaye hariho abarundi babatutsi bakecane baribabizi ariko abandibatutsi bataribake batazi iyobiva niyobija. Concillie rero arakuze yarabonye avyakabaye vyose kwatanyungu vyasigiye uburundi nabarundi kiretse amaborogo acahitamwo gukoresha ubwenge yiherewe n’Imana atarubwenge bwimigambwe yitandukanya nakarwi ariko ahitamwo guharanira ineza yabarundi bose abanyakabwi bacabamwagiriza ngo yabaye umu DD. Ndababwizukuri Rwagasore ukoyashaka abarundibomera ninkuku Concillie ameze, uwavuzeko ubwoko butica hicumutima ntiyabeshe. Harihabantu uyumusi biririmbisha Rwagasore kandi kiriyagihe barabasi biwe, bibonekera kubantubiganye Rwagasore nkuwo Concillie ukuntu bacababita abagambanyi.

  • Mwese murihenda cane,roza kamikaze,wewe ivyurimwo uvuga ntavyuzi,uyo mufasoni yaje kugarukira uyo mugambwe wa gwagasore kuko abagabo bagiye barawukurakuranwako bagiye barawimbira icobo bonyenyene,wibuke ama coup d’Etat abari bawurongoye bagize mugihugu,guhera kuri mico mibi,buyobe,incuro2 zose,aho rero nsinvuze muzindi nzego ntonto zigize igihugu,aho bahashira uwo bashatse,bagakuraho uwo banse.umushikiranganje NDUWIMANA nimumureke kuko siwe aza kubatunganiriza imigambwe,we yakira abamwituye,mumusanga mubiro vye,kandi wewe asoma ico amategeko avuga,akaba arico yisunga,kandi ico nobibutsa nuko ayo mategeko akurikiza arimwe mwayashizeho,mwibaza ko muzocumirako igihugu,none rro reka muwunwe kuko nimwe mwawuvuguse,mwibaza ko muzowunwesha abandi,nawe MINANI inyishu iratomoye,uwufise uburenganzira bwogutanga umukandida ni concilia,kandi umugambwe arongoye niwo ufisuburenganzira bwokwiyamamaza,muri za miting wenyene.kandi ico mwomenya,concilia canke 1vic prsdt barabishoboye kurongora igihugu,kandi sibonyene harimwo nabandi,ako kari akarorero ntanze,ibisabwa barabikwije,barya batama banditije nibaruhuke bararushe,bariye igihugu kuva kera,bashaka guteringorane gusa abarundi,nihamwe nyene agatoke kamenyerey gukomba kama gahese,canke kagoramye.

  • Umwansi w´umugambwe Concilie ntacinyegeza! ngo mpaka umwaka? ashatse kuvuga ko Uprona yiwe alias CNDD/FDD bis ariyo izoja mu matora? Badasigana nimumukanire urumukwiye nta kundi.

  • Mu pfasoni conciliya genda urateye nabi wewe ufata ibintu vyose ugacurika.mu buru di hari ubwoko butatu.mugabo negociation d’arusha navugana babiri abahutu n’abatutsi.none wewe ufashe iki.genda uriganza.uwugutiunze mu nzu niwe abizi.mugabi l’histoire du burundi recontera beaucoup de toi.genda rero urindire umwaka uhere amatora ahere hanyuma utegure iyo congrés mugabo imnan irakunda uburundi izogucira vuba urwo ukwiye.

  • jewe ibi ndabibona nkimbere yukwikukira ko hari abashaka kuguma bahabwa amaronko nabazungu bakaca banka ko twokwikukira,nubu aho kuba abashingantahe nabapfasoni biteka nibanga,barigra impumyi imbere yukuri.bareke umusi urizina bazicuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.