Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bonaventure Niyoyankana, Concilie Nibigira na Gaston Sindimwo birukanywe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bonaventure Niyoyankana, Concilie Nibigira na Gaston Sindimwo birukanywe mu (...)

Bonaventure Niyoyankana, Concilie Nibigira na Gaston Sindimwo birukanywe mu mugambwe

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Umugambwe UPRONA waritoreye ku munsi w’ejo ku w’Imana indongozi zawo, bongera bafatira ibihano abanyamugambwe batanu bagirizwa ko bahemukiye UPRONA. Muri iyo nama yabaye bitoroshe kuko igiporisi cababurabuje, abarongoye umugambwe UPRONA bamenyesheje ko ibizokorwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza azobibazwa ku gatwe kiwe, kuko atari umugambwe wamurungitse mu nzego kuwuserukira.

N’aho igiporisi cashiragije abanyamugambwe bari baje mu nama y’urwego nyobozi rw’umugambwe UPRONA yari itegekanijwe ku munsi w’ejo ku w’Imana, abagize urwo rwego barashoboye kugira iyo nama mu kindi kibanza atari ku Mugumya ahasanzwe hari ingoro y’umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu.
Evariste Ngayimpenda amenyesha ko muri iyo nama baciye bitorera indongozi z’umugambwe w’Abadasigana UPRONA. Karori Nditije niwe yizewe mu mabanga y’umukuru w’umugambwe, icegera ciwe akaba ari Evariste Ngayimpenda.

JPEG - 75.6 ko
Abaporisi barashwiragije abanyamugambwe babanje kubakubita n’ukubateramwo ivyuka bikoroza amosozi

Ibihano vyaciye bifatirwa abagirizwa uguhemukira umugambwe UPRONA

Bonaventure Niyoyankana, Concilie Nibigira na Gaston Sindimwo birukanwe burundu mu mugambwe UPRONA. Tharcisse Nkezabahizi na Dieudonné Giteruzi, basanzwe ari abakozi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bahagaritswe mu mugambwe mu kiringo c’umwaka umwe. Ku bijanye na Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abagize urwego nyobozi rw’umugambwe UPRONA bamenyesheje ko batamuzi nk’umudasigana w’umugambwe UPRONA, ari naco gituma n’ivyo azokora vyose ari muri ayo mabanga azobibazwa ku gatwe kiwe, kuko atari umugambwe UPRONA wamurungitse kuwuserukira.

Mwomenya ko bamwe mu ndongozi z’umugambwe UPRONA bariko barahigwa, bikavugwa ko umutahe wo guhagarika Karori Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA wamaze gusohoka. Tassien Sibomana nawe nyene ari mu ndongozi z’uwo mugambwe akaba yaraye mu munyororo. Yafashwe n’uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, ku munsi w’ejo kuw’Imana. Gushika n’ubu akaba ata n’umwe aramenya aho apfungiwe.

JPEG - 50.3 ko
Tassien Sibomana yafashwe n’uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, Joseph Kenyatta

Egide Nduwimana

Messages

  • None kobavuga ko abagiy munzego batabazi ariko natw tuzi ko mumatora ya 2010 leta yashinzwe igizw n’aba DD HAmw na uprona nubu abo basubirijwe bakaba bategerezwa kuva muri uprona,kandi vyashikirijw kobatanzw na UPRONA!nne ba Ngayimpenda naba Nditije bemey ko babatwara amapostes batsindiy?nibahindur izina kubera ubu ntibakiri UPRONA kubera Uprona iza iri munzego nabo ntibavyemera,nibongereko Uprona nyakuri!

  • Uprona nobasaba ko mwokwihangana! Na RWASA yari yafuse mu mugambwe jacque na miburo ariko nticabujeje ko bamutwara umugambwe! Icegera ca mbere c’umukuru wigihu yari umuporona,yavuze iki igihe RWASA bamwivye umugambwe? Inkoni ikubise mukeba uyirenza urugo... Harapfuye Abanamarimwe ba FNL benshi,barapfunzwe abandi baranganzwa; baporona mwabivuzeko iki? Tekereza namwe muterwe ivyo vyuka,mupfungwe hanyuma nurupfu ruzojamwo!!! Murakoze

  • Ikigihugu aba DD bagitwara nkabita! akogahotoro bakoresha bariyumvira ko bazokivako? namba aritongo ryase waba DD!

  • 2015 niyo izafuta cndd kw’ikarata y’uburundi

  • Ndabaramukije wewe Wil na Big,mwebwe ndabemera kweri,wil nogusaba kowobwira nabandi bakijuragirika mwiyizire muri CNDD-FDD,umugambwe wiyubashe.udatwarira hejuru.noziza ABARUNDI bose ko CNDD izotwara UBURUNDI gushika YEZU KRISTU agarutse gutora abitwaye neza kwiyisi.Presidant arashobara guhindugwa nkinyuma yamatora 2020 ntabe nyakubahwa NKURUNZIZA,muga umugambwe uzoguma kwisonga ni CNDD-FDD,Kandaho uvyemera canke uvyanka nukonyene bizomera,Aba porona nabo bomenya kumugambwe FNL kwariwo wabaye uwa2mumatora ya2010,icokibanza ABAPORONA bashaka kuciha kunguvu kandi cari ica FNL,motif ngo amasezerano ya ARUSHA,rekareka,ivyo mumyaka iza bizahava,Abaporona ndabasaba gutekereza ntimukwegere abanyagihugu banyarucari urundi rwimo,mumenye ko banyarucari aribo baheze MUBUHUNGIRO ariko mwebwe nimiryango yanyu mwibera ibujumbura naza buraya,REKAREKA TWARABAHINYUYE Mwaba poronamwe,ikizirumuziro co nugusubira kwica umuprezida nabamufasha bitorewe natwebwe ABENE GIHUGU c ,UBURUNDI.

  • IBINTU VYOSE BIGIRA INTANGO NIHEREZO IGIHUGU SIDA DD NI CATWESE

  • Ivyo muvuga ngo DD izovako Yezu agarutse ni uko babahenda. Na Kadafi yatwaye imyaka irenga 45 warabonye ko yavuye kubutegesi umusi umwe aca ava nokwisi. Mobutu muri RDC, GBAGBO muri Côte d’ Ivoire ,Sadam Hussein muri Irak,... Ivyo navyo ngo muzotwara mpaka Yezu agarutse mubisoma mukihe gitabu? Korawani? Bibiliya? Zaburi? Ikihe? Gusa amaso akunda ntabona neza. Kandi ushigikira amakosa nawe aba ari umunyamafuti.

  • Ivyo vyose biriko biraba kuri Uprona niyo yavyiteye kuko vyose vyaba ibona irahora, ex :FNL,FRODEBU,UPD.reka bawunywe.

  • ariko iyo uprona irashaka iki abanyagihugu bameze nneza abana bariga umutekano ni wose none barikuzana amatiku bareke kuzana inda nini basubiza igihugu inyuma

  • Yewegawe!!! UPRONA ngontizi Bazombaza kandi ivyoyakoravyose yabikora aribobemeye ko aruwabo!? Pretero yihakana Yesu (Yezu) ntabugome yabikoranye arikomwebwe I don’t know how?! mbegamacenga!!! Ntimuzi Prosper Bazombaza muri UPRONA?
    Please meke sure and say yes we do not know him if you say that 3 times you will done? Imana ibonavyose kandibona nibirimumwiza.

  • imana ibababarire kuko ntimuzi ivyo mukora.umuntu amenya ivyo agezeko ivyejo ntawovyirata kuko ivyejo n ikinyegezwac imana.tout change sauf Dieu.uwogira ico yirata,yokwirata ko yamenye imana nayo ibindi vyose n umwotsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.