Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Concilie Nibigira yarakwiye gukura icirwa ku kuntu yakiriwe ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Concilie Nibigira yarakwiye gukura icirwa ku kuntu yakiriwe ku (...)

UPRONA : Concilie Nibigira yarakwiye gukura icirwa ku kuntu yakiriwe ku Musaga

lundi 28 Ndamukiza 2014

Bamwe mu badasigana ba UPRONA baratangazwa n’ukubona hari abagomba kuguma barwiza guhonyanga amategeko mw’itunganywa ry’umugambwe wa Rwagasore. Ivyo bakaba babishikirije baravye ivyashitse muri komine ya Musaga.

Abo baporona bagatangazwa n’ukubona ubutumire bwatanzwe n’abatabifitiye ububasha, mu gutumako abaza gutora inzego z’abaporona muri komine. Bavuga ko umupfasoni Concilie Nibigira yari akwiye kuhakura icigwa, aravye uko yakiriwe n’Abadasigana bo ku Musaga, aho yaronse ijambo ari uko bamwe babanje gusohorwa, ndetse nawe bikamutera ubwoba, gushika naho apfuka amaso, agasenga. Ikindi biyamiriza, akaba ari abazana urwaruka rw’Imbonerakure mu matora, kugira bashobore kurwiza amajwi. Ivyo ndetse baremeza ko atari imbeshere, kuko na musitanteri wa komine Musaga asanzwe ari umudasigana, yamenyesheje mu nyubakwa zagira ziberemwo ayo matora ko, umuntu wese yoba ari Imbonerakure gusohoka ku neza, kugira ibikorwa bibe.

Mwomenya ko bamwe mu ba JRR baho ku Musaga bafashwe barapfungwa, aha tukavuga nka Albert Mpozagara umunyeshure muri kaminuza y’ Uburundi na Polycarpe Ntakarutimana, umunyamabanga wa kabiri muri uyo mugambwe aho ku Musaga, ariko bakaba baciye barekurwa munyuma.

Mu gihe bamwe bariko barafatwa, abandi barashoboye kuyanyaga mu gihe bari bumvise ko bariko bararonderwa, mu gihe hari n’abandi bagumye aho, bashingana ijisho ku rindi n’abari baje gutora abarongora abandi muri uyo mugambwe. Abo badasigana bakaba bashima ko ayo matora yagiye atabaye, maze hakaba hitezwe ayandi, azoba yateguwe neza, kandi akajamwo Abadasigana hakurikijwe amategeko, ndetse n’ibihe bibi uyo mugambwe wa Rwagasore urimwo vyarangiye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.