Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Ideni ry’imiriyoni 600 ririhwa imbere y’amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Ideni ry’imiriyoni 600 ririhwa imbere y’amatora

UPRONA : Ideni ry’imiriyoni 600 ririhwa imbere y’amatora

mardi 6 Nzero 2015

Umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu umenyesha ko ufise ideni ry’amafaranga agera ku miriyoni 600 mu mafaranga y’amarundi, ayo mahera akaba aheraniwe abantu muri uwo mugambwe badatomora. Ayo mafaranga mu mugambwe UPRONA bavuga ko bategerezwa kuyariha imbere y’amatora asigaje amezi ane gusa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA ishami rirongowe na Conciliya Nibigira, yamenyesheje ko uwo mugambwe uriko urarondera ingene woriha ayo madeni imbere y’amatora, kugira bashobore kwitegurira ata deni bafise, muri ayo matora ategekanijwe muri uwu mwaka w’2015 twaraye dutanguye.

Mu gihe ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije riheruka gutumako ikoraniro Kaminuza rizobera Ku Mugumya kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2015, mu ntumbero yo gutora indongozi nshasha z’uwo mugambwe, muri UPRONA yemewe n’ubutegetsi bamenyesha ko ata koraniro ritegekanijwe, muri uwo mugambwe bakamenyesha ko ari ugusamaza abadasigana n’Abarundi.

Naho uruhande rwa UPRONA irongowe na Conciliya Nibigira rwemeza ko iryo koraniro ridashoboka kuko izo nzego bashaka gutora zagiyeho kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2014, ku ruhande rwa UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije siko babibona. Tatien SIBOMANA avugira UPRONA itemewe n’ubutegetsi amenyesha ko batumyeko iyo nama kubera Reta itunguruje urubanza ruheruka gucibwa na sentare ya Afrika y’ubuseruko.


Egide Nduwimana

Messages

  • yemwe uprona dd ishaka kuyifuta niwo mugambi wumvirije aba dd babishatse kuva kera ..kandi nibo bazogura ayo ma zu yemwe umugambwe uraheze basi....!!!!

  • Imana iyo ivumye umuntu iherezako ??amadeni yihuta ??kuko muzi inyumayamatora muzoba mugiye ?none mugire mugende mugurishije vyose ??ewe uprona uraragiye pee mbe ntiyogenda akandadaza uwomushino wavuzwe nduwimana ko twuva yawupfiriye niyo yariha

  • Ariko nyene abadasigana bazokwemera ko bagurisha ivyabo bobona? Concilie na Gaston bariyerekanye beruye ko umugambi bafise/bahawe ari ugufuta Uprona.

  • KO HARI ABA JRR KERA NTIBOFATA KA GASTON IYO MBUNDEGE BAKAKARENZA RUSIZI INGONA ZIGACISHA KU WEPFO????KUKI GASAMBURA IVYO KATUBATSE AKO KAVYARWA,,,URABONA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.