Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA igira isubizwe indongozi kw’itegeko rya Bernard Busokoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA igira isubizwe indongozi kw’itegeko rya Bernard Busokoza

UPRONA igira isubizwe indongozi kw’itegeko rya Bernard Busokoza

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Akajagari kamaze iminsi mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA bamwe babona ko gashobora kurangirana n’iyi ndwi buca dutangura, canke gakomere cane kuruta, ivyo bikavugwa inyuma y’aho bimenyekanye ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamaze guhagurukira ingingo ya Edouard Nduwimana yo gusubiza umugambwe Niyoyankana Bonaventure, mbere hakaba hari n’amanama y’urutavanako kuri ico kibazo ca UPRONA ariko aremeshwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza.

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya mbere Ruhuhuma uwu mwaka, abashingamateka batowe mu mugambwe UPRONA bari kumwe n’abandi badasigana nka bamwe mu basitanteri bo mu makomine amwe y’igisagara ca Bujumbura bo muri uyo mugambwe hamwe n’abandi, bakaba bagumye bahanganye n’igiporisi mu gihe bankiwe gushika ku Mugumya, ahasanzwe hari ingoro y’umugambwe wa Rwagasore.

Nk’igihe c’isaha zitandatu, hakaba haciye hatangura kunuganugwa ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yoba yafashe ingingo yo guhagarika ivyari vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, ko UPRONA iramutswa Niyoyankana Bonaventure, ndetse uwo mushikiranganji akaba yahamagawe kugira abonane n’uwusanzwe amurongoye Bernard Busokoza, ariko bikavugwa ko Nduwimana atitavye uwumurongoye.

Amakuru ko Busokoza yahagaritse ingingo ya Niyoyankana Bonavanture kurongora UPRONA, ikaba yanezereje Abadasigana bari aho, mu gihe kuva mu gatondo agashavu kaniga, aho baguma baririmba basaba Niyoyankana Bonaventure kwinjira ku mugaragaro muri CNDD FDD, akareka kubononera umugambwe. Iyo ngingo yo guhagarika ivyashikirijwe na Edouard Nduwimana, ikaba yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umushikiranganji w’ubutungane, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umukuru wa sentare ntahinyuzwa, na Niyoyankana Bonaventure yaheruka kugenwa n’umushikiranganji Edouard Nduwimana.

JPEG - 1.6 Mo
Soma neza witonze, urabe uwateye umukono kuri iri kete

Kuri uyu munsi rero, bikaba bitari bisanzwe, kuko umushingamateka Niyoyankana yari yandikiye ikete abategetsi barongoye igiporisi kugira bamufashe gushobora gushika ku Mugumya, atangure amabanga yiwe yagenywemwo na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ariko Abadasigana baranana, baranka kuva mu bibanza barimwo, mu gihe bavuga ko barindiriye kugira barabe uko Niyoyankana ashika aho ku Mugumya. Ariko rero icagiye gutangaza abari aho, akaba ari uko iryo kete ryarungikiwe umushikiranganji w’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu n’abandi bayobozi b’igiporisi ritagira imvo, ndetse n’izina ryiwe aca aryandika nabi, aho yateye umukono kw’izina ry’umushingamateka NIYOYANANA Bonaventure.

Uwusanzwe yemewe n’Abadasigana muri iki gihe Karori Nditije, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko muri iki gihe bigaragara ko atababaserukira muri Reta bafise, mu gihe ariwe yabarungitse guserukira umugambwe, none akaba yagirizwa kuwurongora bidaciye mu mategeko. Tukabamenyesha ko abashingamateka bava muri UPRONA bari mu nama, kugira barabe igikwiye gukorwa mu maguru masha.

JPEG - 1.7 Mo
Muganga Yves Sahinguvu (yambaye ikoti y’umuhondo) yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ari kumwe na Karori Nditije umukuru wa UPRONA

Aristide Nizigire

Messages

  • Urya mutama Major Beranrd Busokoza yaravuze ati«hako ahemukira Uprona yopfuma apfa » Busokoza niyubahwe !!!!Nduwimana yari yigize Mai- Mai Colonel Shetani ,aho asinye ntawasinyura ,none arahuye na Major Busokoza ipete akwiriye atari baba Généraux bize yagamukama.

    Irakoze Fabiola (Fnl-Rwasa) Londres

  • AHUBWO HAKWIYE ABAGABO BOSUBIZA IBINTU KUMURONGO KO NIYOYANKANA VYANSE KO ADUTWARA.

  • Umuntu w umugabo ni Busokoza ntatamikwa irindi jambo naho sluwe yetekanye ubugabo nk umushingantahe koko

  • mbega yemwe jacques na miburo ntiboca ubwenge bakabona ko hageze kureka gukoreshwa na cnd-fdd bagasubiza umugabwe mutama agathon?imana izobabaze abantu bapfuy bose kand aribo bivuyeko.Eduard natange imihoho ahandi nawenyene azoshikirwa.hari igihe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.