Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Impari zirabandanya ku nama yo kuri uwu w’Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Impari zirabandanya ku nama yo kuri uwu w’Imana

UPRONA : Impari zirabandanya ku nama yo kuri uwu w’Imana

samedi 10 Nzero 2015

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje abagize umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko inama ya komite nkuru y’uwo mugambwe yatowe mu 2009 itegekanijwe kuri uyu w’Imana idashobora kuba kubera itemewe n’amategeko. Muri uwo mugambwe bemeza ko iyo nama izoba ukuri kwamye.

Komite nkuru y’umugambwe UPRONA yatowe mu mwaka w’2009 iheruka guhamagaje inama izoba kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 11 Nzero 2015. Iyo nama bitegekanijwe ko izobera Ku Mugumya ikaba ari iyo gutora indongozi nshasha z’umugambwe UPRONA.

Nk’uko vyashikirijwe na Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, komite nkuru y’umugambwe UPRONA yatowe mu 2009 yatumyeko iyo nama kubera Reta itunguruje urubanza yatsinzwe ruheruka gucibwa na sentare ya Afrika y’ubuseruko yahaye ububasha iyo komite nkuru bwo gutunganya umugambwe UPRONA.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano SIBOMANA, umuvugizi w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe na Edouard NDUWIMANA

Uruhande rwa UPRONA ishami rirongowe na Conciliya Nibigira, bamenyesha ko iyo nama yatumweko ataco bayiziko. Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko bitumvikana ingene abo bagize komite nkuru botumako inama yo gushiraho indongozi kandi basanzwe barashizeho umushingamateka Karori Nditije nk’umukuru wabo, hamwe na Varisito Ngayimpenda nk’icegera ciwe.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwatanze uruhusha

Mw’ikete yarungikiye abadasigana batatu baserukiye umugambwe UPRONA mu rubanza rwahuje uwo mugambwe na Reta muri sentare y’i ARUSHA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yamenyesheje ko iyo nama ya komite nkuru y’uwo mugambwe yatowe mu 2009 itegekanijwe kuri uyu w’Imana idashobora kuba kubera itemewe n’amategeko.

JPEG - 28.7 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

N’aho hari ukwo kutumvikana hagati y’impande zompi hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Tasiyano SIBOMANA ari muri abo badasigana batatu baserukira umugambwe UPRONA mu rubanza rwahuje uwo mugambwe na Reta muri sentare y’i ARUSHA, amenyesha ko iryo kete ryarungikiwe abataribo. Kubwa Tasiyano Sibomana asanzwe ari n’umuvugizi w’ishami rya UPRONA rirongowe na Karori Nditije, iyo nama ya komite nkuru yatowe muri 2009 itegerezwa kuzoba ukuri kwamye.

Mu gihe iyo nama yahamagajwe bitegekanijwe ko izobera ku Mugumya, Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA ishami rirongowe na Conciliya Nibigira, amenyesha ko ingoro y’umugambwe UPRONA yo "Ku Mugumya" iberamwo inama n’ibikorwa vy’umugambwe UPRONA gusa, akavuga ko iyo nama iriko irategurwa mu mugambwe UPRONA wa Conciliya Nibigira batayizi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Akari mumpene niko kari no muntama!ko kera umugamba kuwundi umengo siko vyari!canke abahutu nibo basigaye bayigize!vyaracanganye basha!

  • UBWO EDOUARD AZOPFA ABORE???KO ATAWUMUHA AMAZI !!!NARYA MAZU WIVYE UMENYE KO SERONT NATIONALISEES..HEWE OYA WEHO UZOBAMBWA ,,MBE AHO UKOROGA IMIGAMBWE YOOSE WIBAZA KO DD IZOKURYAMA KO GUSHIKA RYARI>>>BARAGUHENZE URABAZA GISWASWA??????!!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.