Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uprona: Integuro y’ibwirizwa nshingiro nshasha n’iyitsimbataza umugambwe CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uprona: Integuro y’ibwirizwa nshingiro nshasha n’iyitsimbataza umugambwe CNDD (...)

Uprona: Integuro y’ibwirizwa nshingiro nshasha n’iyitsimbataza umugambwe CNDD FDD

lundi 18 Munyonyo 2013

Umurwi w’abashingamateka ba Uprona baremeza ko integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro batarayibona mu gihe bivurwa ko yoba ija yarashitse mu nama nshingamateka, nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye umurwi w’abashingamateka ba Uprona Gasutwa Bonaventure, igihe yari mu bikorwa yatumiwemwo n’urwaruka ruhurikiye muri uyo mugambwe rwo muri kaminuza y’Uburundi.

Mu kwishura ku kibazo yari ahejeje kubazwa n’umwe mu barongoye indarangavye za Uprona ku bijanye n’integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba Uprona akaba n’umukuru wa JRR ku rwego rw’igihugu Gasutwa Bonaventure, akaba yabishuye ko iyo nteguro batazoyemera na gato, kuko babona y’uko ari iyoshira igihugu mu ntwaro mbi, hakavurwa umugambwe umwe gusa CNDD FDD, igakumira iyindi migambwe, mu gihe ari mu gihe c’intwaro rusangi. Kuri ivyo rero, akaba yaremesheje abo badasigana umugambwe wa Rwagasore utazobahemukira, iyo nteguro nayo bakaba bagiye kuyiyamiriza ukwo bashoboye.

Umushingamateka Gasutwa, akaba yasubiye abamenyesha ko kugira ibwirizwa nshingiro rihinduke, umugambwe uri ku butegetsi ubwirizwa kuba ufise amajwi ane kuri atanu, ayo nayo, akaba yavuze ko umugambwe CNDD FDD atayo ufise, ari naco gituma baremye. Kubona kandi iyo nteguro iri mu nama nshingamateka naho batarayibona, bibaza ko ivya referendum bivurwa, iyo nteguro itakigiyeyo kuko abashingamateka aribo baserukira abanyagihugu, bayikanye izoba ihakanywe. Ariko kandi akaba yasubiye abamenyesha ko hamwe iyo nteguro yojanwa imbere y’abanyagihugu, abadasigana n’urwo rwaruka batobatako umwikomo hagize ibihinduka, ariko aho hose, akaba yabasavye ko bofashanya iyo nteguro ntiyemezwe.

Uyo mushingamateka akaba yemeza ko gushika ubu baremye kuko n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye basanzwe bari kumwe mu nama nshingamateka, yasavye abashingamateka bose ko hatogira uwuhirahira ngo yemeze iyo nteguro. Ku bwa Gasutwa rero akaba yavuze ko iryo jambo ry’umushingamateka Minani Yohani ryabanezereye, kuko ariwe vyari bizwi ko acuditse cane n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, none yanse iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.