Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA iratera ivyatsi ivyashikiye Abadasigana bo mu Kirundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA iratera ivyatsi ivyashikiye Abadasigana bo mu Kirundo

UPRONA iratera ivyatsi ivyashikiye Abadasigana bo mu Kirundo

mardi 14 Gitugutu 2014

Umugambwe w’Abadasigana UPRONA, ishami rirongowe n’umushingamateka Karori NDITIJE, uriyamiriza ivyashikiye Abadasigana bo mu ntara zimwe z’igihugu, aho babujijwe gushira amashurwe ku ntatemwa y’Umuganwa Ludoviko Rwagasore igihe hariko hibukwa imyaka 53 amaze agandaguwe, kur’uyu wa 13 Gitugutu 2014.

Umukuru w’uyo mugambwe UPRONA, atemewe n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umushingamateka Karori Nditije vyaramubabaje ariko yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko gutwara amashurwe atariko kwerekana ko umuntu ari umudasigana. Avuga kandi ko kuba umudasigana biri ku mutima no mu bikorwa. Ivyo uwo mushingamateka akaba yabimenyesheje igihe Abadasigana bo mu gisagara ca Bujumbura bari bahuriye hamwe bariko baribuka iyo myaka iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe.

Ivyo birori vyari vyitabwe na bamwe mu bahoze barongoye inzego zitandukanye z’igihugu, abarongoye umuhari w’urwaruka mparanir’amajambere wa Rwagasore, JRR, hamwe na UFB. Karori Nditije akaba yasubiye kumenyesha ko mu matora yimirije y’umwaka w’i 2015, bagiye kwiyunga n’uwo wese yipfuza ko ibintu vyohinduka, mu ntumbero yo gusezerera intwaro y’umugambwe CNDD FDD ihari muri kino gihe.


Aristide Nizigire

Messages

  • ncuti, twari dukwiy kwitegereza neza tukabona ko abanye politike batwiyegereza hageze igihe c’amatora gusa,yahera bagaca bimanukira i bujumbura ikibazo umuntu muto yagiz bakacumva ku nsamirizi. mbe none ukukunv barimwo baratwegera ubu ni urukundo badufitiy? canke hari ico badushaka? àvous le clavier!

  • CNDD-FDD buca tuyongera kurongora uburundi mu kuyihunda amajwi mu matora ya 2015,mbero tuzosumvya ayo twayihaye muri 2005.Abiyumvira ko izotsindwa,basha!ni bakarabe kuk ntaco banze.

  • Abo bavuga ko bazoja hamwe n’abashaka ko ibintu bihinduka bose ngo batsinde CNDD-FDD mu matora yimirije,nashaka mbe ndababwira bitegurire gutsindwa,kandi bihe amahoro.CNDD-FDD iripanze,iri mu gihugu cose kand ikundwa na bose abize n’abatize.Abo bavukanyi babe baritegurira gutsindwa kand bazokwemere ibizova mu matora.Tuzobacira urubanza vuba muri 2015 kand bazotwubahe mukwemera ibizova mu matora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.