Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Konsiriya Nibigira ariyamiriza ibikorwa vya Nditije (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Konsiriya Nibigira ariyamiriza ibikorwa vya Nditije (...)

UPRONA : Konsiriya Nibigira ariyamiriza ibikorwa vya Nditije Karori

jeudi 8 Rusama 2014

Konsiriya Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko ibishikirizwa n’umushingamateka Karori Nditije canke ivyashirako umukono kw’izina rya UPRONA bitega umugambwe.

Ivyo, uyu mupfasoni akaba yabishikirije inyuma y’aho, umugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije, ushiriye igikumu ku rwandiko co kimwe n’iyindi migambwe, aho bandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU Ban ki Moon, bamusaba gufasha kugira amatohoza ku bimaze iminsi bivurwa ku rwaruka ruhabwa inkoho, ukuri kuje ahabona. Konsiriya Nibigira akavuga ko umugambwe UPRONA wikwije, bidakenewe ko uja kwifatikanya n’iyindi migambwe.

Mukamenya ko n’aho uyo mupfasoni ashikiriza ivyo, bivugwa ko mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA imyumvikano yoba igeze kure y’uko ibintu vyosubira mu buryo, umugambwe ugahabwa indongozi zemewe n’ikoraniro kaminuza. Ivyo biganiro bikavugwa ko, biriko biraba bifashijwe na bamwe mu bashingantahe hamwe n’Abadasigana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ngire bwire abagezi banje nkunda ncane nka,mama,muco,ngiramahoro,joe etc mugashaka umugore ndabahaye mushikanje nguyo kwifoto ameze neza ncane arashobora kwubaka rukaguma aho mwarondereye ntimusubire kubaza murabarira ko mwashimye menye igihe muzozanira inka

  • Naho uvuga ntiwiyumvire ngo vyumvwa nabenshi canke vyemerwa nabenshi rindira muri 2015 wewe ntahantu nahamwe uzokwakirwa kuko uri igihemu uruw’inzara gusa kandi icowomenya co nuko uzogenda nabi .Uheza kugoka ibigori bikera uzokwicuza ataco ukigira nayo Karori we n’Umushingantahe ijana kwijana kuko yemewe n’amategeko nawe wemewe na duwarudo mbe wumvise ukuntu kwiradiyo bavuga ngo wemewe na duwarudo abandi bavuga ngo bemewe na Leta ntasoni ugira ahubwo jewe nibaza ko utize mbe muri katedrare wahora ujayo kugirante «uzemwumvirize kandi uzirikane indirimbo ivuga ngo kukirengazuba»mugabo nukukugora uriko utegura umugambi wamwe na duwarudo na ba dd uwonawo nuwokuja mumahonero aho uzokwagirizwa nabirya bibondo mupfungfishije kuko banse kugufashe uwomugambi mubi

  • urakoze jean claude kumwibutsa uwomugore yataye ibanga rya barundikazi,

  • Igihe Yezu yaduga mw’Ijuru kw’Isi ndamahoro yahasigaye kuko havyutse akarenganyo mwisengero bic’umugororotsi Stephano bitwanje kumubeshera ngo yatutse ahera h’Imana ngokandi yakuyeho nimigenzo ya Mose. Ntacobuzarero umuntu nkuyu Consillie yagize ibintu vyatumye akajagari karikateguwe kadashika aho abaribagateguye bashaka, ubworero ntacobuza mudaca mwama mumubona nkumwansi wanyu, mberejewe naciyembonako mu Burundi dufise abantubeshi mumokoyose bintwari bashoboye kureka ibibanezereza kugatwe kabo ahubwobagashirimbere ibikingira abarundi bomumokoyose bakitanga bagatukwa bakavurwa ukobatari kubwineza yabarundi bomuboko yose. Uwo Consillie nubwondamusumvya imyaka ndamubona nkumuvyeyi wanje ekambere numuvyeyi wabarundi bataribake kandibi nukuri ndaziko hariho abaciyebavugango urarivuze.

  • Komera mpfasoni consilia, nibaze ntakekeranya ko Eglise catholique que tu sembles servir izoguhanura naho apparrement usa nintahanurwa.Inda ihaga ivu, kandi ngo ni bahomora. mbe abo ba dd wikwega inyuma urazi ivyo bakoreye abavyeyi babahora ubwoko?c’est ton prochain sort demain ou apres demain

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.