Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA uratanga ivyokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA uratanga ivyokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu

UPRONA uratanga ivyokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu

vendredi 17 Mukakaro 2015

Umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira uramenyesha ivyokorwa kugira ibibazo vya politike biri mu gihugu bitore inyishu.

Ku bijanye n’amatora,umugambwe UPRONA usaba ko hosubirwamwo ibiharuro vyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,amatora y’umukuru w’igihugu akigizwa inyuma mu gihe abahinga bokwerekana ko ata ngorane vyotera mu bijanye n’ubutegetsi.

Ku bijanye n’umutekano,umugambwe UPRONA usaba ko urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi rwokwakwa ibirwanisho,urwego rw’umutekano rugasubira gutunganywa kugira hagaruke icizere hagati y’urwo rwego n’abanyagihugu.

Mu kugarukana icizere hagati y’abanyagihugu,umugambwe UPRONA usaba ko abapfunzwe bagirizwa kugira imyiyerekano borekurwa,hakaronderwa n’icuka ciza cotuma abahunze bahunguka.

Umugambwe UPRONA urangiza usaba ko amaradiyo yokwugururwa, n’abamenyeshamakuru bagakora mu bwigenge.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ariko none wewe ga concilie wagiye mumatora none ubonye intebe wari witeze utazironse none ngo basubiremwo guharura ahubwo wari watevye kuvuga,jewe nabona utavuga nkibaza ko amatora wayashimye ,komera abo wakurikiye ntabo waruzi reka rero baguturutumvye wicuze icabiguteye, narinzi ko nawe ushigikiye Imbonerakure none wabaye uzanka? Yaba wazanka uba wabihevye kare nk’abandi.

  • Mb Basha Namw Mwatanguy Kukubna Ko Icuka Atari Ciza?Nibaz Ko Nabandi Bagiy Kubibona;non Ko Utavuz Kuva Kera Bignz Gut?Nihatari.

  • K6 mutavuz mbere hose canke n’uko namwe ataco mwahanovye mu bijanye n’ibibanza.ni mube mukunda igihugu canyu murek gukunda ibibanza,niho muzoba indongozi zize n’abene gihugu.

  • Burya concilia na uprona yiwe baratanguye kwisubirako?nasubize umugambwe wabandi nyabuna kuko amatora aheruka yaramaramaye.ariko icocipfuzo ciwe niciza.

  • Wamufasoni ubu niho ukibona ko wadandaje basaza bawe nivyiza ko uriko urakanura barya mupfana ayo maronko bave inyuma hakiri kare tora amahoro?

  • Twapfuye iki muga iciyumviro canje ntukikivuga sivyiza frere igihe turota amahoro fuss

  • AHUBWO NIVYO YARONDERA AHAVA ABITOBA VYOSE.

  • Uwo muvyeyi avuze neza cane !Twama tuvugako UPRONA yigenga !abahora bavugako iri mukwaha kwa CNDD-FDD nibabone kwatarivyo !some mutahure n’ikirundi?

  • Ewe Concilie uratwenza,mugabo ntaco turakubabariye kuko kugwa sibibi ikibi nukuvundagara kandi ubugabo butisubirako buvyara ububwa.

  • Ahubwo nimuje kumavi musenge mureke kuguma mutanako ibirake ngwaba naba nibo baturiye mumenye kwivyo bikomeza kwongereza uburake bw’Uhoraho igihe ciwe cokuza kwimara ishavu kubanyavyaha kiriko kiregereza ahumuntu wese azobazwa ivyo yakoze agahabwa ingero bikwiranye hatarinze kubabwa umugambwe wumwumwe wese, Umunyabwenge niyibaze ko umunsi Sentare y’Uhoraho idaca ugwankunzi ahizosasira ko muzoshobora gutsinda canke gutsindwa.

  • mbe yemw yavyubahuts gut concilie?arko manda ya3 ntaco uyivugako ga niyibigira!!?abagore nta bwenge,m bandanya gutyo harubwo wovayo.

  • Ewe concilie sha urantwengej!ubu rer nih ukibona kuvuga?uranantey akagongw uribuk ukunt sindimwo yatyoz abari mumyiyerekano?nn ngabafunzw bayihorw ngo nibarekurw?nih ugicubweng?reka kwih amenyo yabatwenz nintebe2 babahay ninyinsh mwasambuy umugambw mwibaza ngo wwe na gaston muzoc murongor igihugu?siko kiri

  • Ariko akabi gatwerwa kakeze urabonye ko ivyo wariwiteze utabironse none ngo basubiremwo guharura,ahubwo ni kuyafuta yose tukazotangura bishasha,ahubwo niwegere abandi ureke gushigikira ibidashigikirika.

  • NONE UCA UJA HEHE KO ABANDI
    BAGUSIZ?JE MBONA WOJA KWA NDITIJE.MUGA SINZI WOMWUBAHUKA IMBERE.

  • Jew mbona ko Conciliya ariko yita abarundi ko ari ibiju!!Ubu niho agez kuvuga ko imbonerakure zokwakwa ibirwanisho?Iyobumenya umw bwarikindi,Ico avuga muriryo kete turazi ko ari politik asangiy na CNDD FDD,bamutuma ivyavuga kugira vyitw ko umugambw wa Conciliya wigenga naho shwii!Abarundi"Turazi,turumva kandi turabona"Ntatwit rero ibijuju,Ko wumva bigenga ivyo yasavye leta nibishire mu ngiro rero abarundi duhez twogoror,kandi bica bigenda neza cane.Conciliya weee,reka guhuma amaso amakungu,bitebe bitebuke ico CNDD yaguhay kizomenyekana????Ndavuga simvura.

  • concilie arateye isoni!namajwi yaronse nayo nyene ateye isoni reka gusyeta ibirenge twara izo2 ziramaze kko ntuzwi n ’abarundi urazi komuzogeregwa hamwe na jacques !mwabambuzimwe!subiza imigambwe yabandi?

  • Nukuri ikibi sukurwa ikibi nukurwa hama ntuvyuke! mugabo sinibaza kari concilia yabivuze!

  • Nukuri ikibi sukurwa ikibi nukurwa hama ntuvyuke! mugabo sinibaza kari concilia yabivuze!

  • Concilie yabaye Francois Ngeze,urabe neza izo mbonerakure nawe ziraguhitana.

  • nizere ko atari uprona ya concilie yavyandits reka turindire tuzobona

  • Ngo abakoze imyiyerekano barekurwe?Ivyo bononye navyo tubibahebere?Abavyeyi bahekuwe abana babo ngo ni imbonerakure bo si abantu,?Nibafungwe nyabune niho bazomenya kwiyumvira imbere yo guhangana n’abategetsi izo mbwebwe ,ico cuka kibi kiri he?Na bado.Imihimbiri itere umudugararo,ingwano hanyuma tubareke,iyaba jewe nabamanika bose haut et court nkazisigura imbere y’amakungu.
    Amatora arabandanya kandi ntaco twongerako,izo ngwano baririmba tuzozigwane twitanguye.

  • Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!

  • Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!

  • emma

    ewe concilie wotwenza nabapfuye, usabako reta igirante? amaradio? abapfunzwe? namatora aharugwe ukundi? nayandi yigizwe imbere? sha wehoho ntuje uriwe, mbwabundi yarimitwe yanyu? namwe shake muvemwo turabandanya ahubwo urumusazi nkabagumutse.

  • Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!

  • Consiriya Weee!!! Urantwengeje Nimba Ari Wewe Batakubesheye Mbega Imbonerakure Baziha Ibirwanisho Niho Wari Uri? Barya Bagomvye Guihirika Ubutegetsi Bagaturira Abantu Nibintu Bakagaba Ibitero Kubirindiro Vyabaporisi No Muntara Cibitoke Na kayanza Nahandi Zari Imbonerakure?Hoshi.

  • Hahahaha Concilie nawe arashavuye hahahahah. Je nshaka umu journalist umwe amumbarize ati: Mbega ubabajwe n’ivyo aba dd bakugiriye? canke ubabajwe n’ihohoterwa ry’abana b’uburundi hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko yose y’igihugu? Hanyuma ateko adusobanurire igituma bimukozeko. Kuko ibiriko birabera hano mugihugu arabizi, kandi bimaze igihe biba nawe yihorera. Arinze avuga naho yaca abishigikira. Nimba yaje muruhande gw’abanyagihugu, namanze adusabe ikigongwe. Nayahandi nitwatembagaza ibi binywamaraso, nizo 2 ntazo azoronka.

  • AHAHAAAA!!EWE CONSILIYA WEEE!!ABA DD WABIYOMEKAKO WIBAZANGO BARAMENYERWA?BARAKUGARUYE AKENGE KWELI!AHUBWO NIZO NTEBE2 NTAZO WARUKWIYE."INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA N,UKO AMASO ATUKUYE."

  • AHAHAAAA!!EWE CONSILIYA WEEE!!ABA DD WABIYOMEKAKO WIBAZANGO BARAMENYERWA?BARAKUGARUYE AKENGE KWELI!AHUBWO NIZO NTEBE2 NTAZO WARUKWIYE."INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA N,UKO AMASO ATUKUYE."

  • uyo avuze ngo ivyo bononye abari mumyirekano ko bobibahebere mbese harivyo mwubatse? ugra niya ngoro yanyu twamenye cnke twa du stade twanyu tugira ikimaze urarab neza attentio

  • Sha,burya Ishavu Niribi Bagezibe Baramuhanuye Aravyanka None Umve Atanguye Gutabaza.Ntiyarazi Kuja Mwishamba Utazi Ugaca Inkoni Utazi.Araruta Umukumuru Winama Nshingamateka Yabikuyeko Nabandi Benshi Bahevye Aba DD.Nasabe Imbabazi Agaruke Muruhongore.Ok

  • kekekekekekekeee Mbe ubu nihubonye ko aba DD ari babi!!!! Kuko baguciyemwo sha ntibamenyerwa ahubwo genda ufukame kwa Nditije mugasinzi kwakubabarira

  • Nzokwemera ko atari akenge agomba guhendesha abanyagihugu niyasokora mumatora y’umukuru w’igihugu nayahandi tuzomucira urubanza rumwe n’akakarwi gapfukamye igihugu munda

  • Aaa,uyomugabo,arabizinezako,abarundi karabanyabwenge,kandi badafakwibagira,icoyakoze kadege na domisiyano nubwicanyi 2005 kumigambweyindi,ahubwo,aragowe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.