Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urudandazwa rw’ibinyobwa vya BRARUDI rwaragabanutse kubice 15 kwijana - (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Urudandazwa rw’ibinyobwa vya BRARUDI rwaragabanutse kubice 15 kwijana - (...)

Urudandazwa rw’ibinyobwa vya BRARUDI rwaragabanutse kubice 15 kwijana - BRARUDI

jeudi 6 Kigarama 2012

Kuva aho ibiciro vy’ibinyobwa vya brarudi bidugirijwe ibiciro na reta y’u Burundi,ngo ivyo binyobwa ntivyasubiye guhurumbirwa n’abahora babinywa. Aho vyibonekeje cane ni mu ntara ya Gitega aho muri BRAGITA igisata ca BRARUDI gihingura ibinyobwa haheze hafi ukwezi ataco bahingura.

Abakozi b’ihiguriro ry’ibinyobwa BRARUDI igisata co mu ntara ya Gitega BRARUDI bafise amakenga ko iryo hinguriro rigiye kugara burundu. Bibaza ko mbere ico gisata kigiye kugarwa. Ico gisata gisigura ko kitobandanya gihingura ibinyobwa bitaronka ababigura. Ico BRAGITA ikora n’ugusohora inyobwa vyahinguwe kera biri mu bubiko gusa.

Alexandra Sindahera avugira BRARUDI ku rwego rw’igihugu avuga ko naho umwimbu wagabanutse badashoka kugara igisata ca BRARUDI c’i Gitega. Amenyesha kandi ko bibandanije uko biri ubu ngo hari abakozi bashobora gukurwa mu kazi kuko ngo batobandanya bahembwa ataco bariko barinjiza.
Aha akavuga cane cane abakora ku munsi ku munsi abo bita mu gifaransa ‘’les journaliers’’. Kubwa Alexandra Sindahera avugira BRARUDI ngo ibiciro vyadugijwe kubera amatagisi yadugijwe na reta kuri ivyo binyobwa vyatumye abarundi bari mubukene banywa inzoga kavukire baraheba inzoga zihinguwe.

Ngo n’ubwa mbere rero ihinguriro BRARUDI rigurisha kurugero rungana uko biri ubu kuko ngo ibinyobwa bigurishwa ni bikeya cane. Urudandazwa rw’ibinyobwa vya BRARUDI ngo rwagabanuke ku bice cumi na bitanu kw’ijana mu mezi atatu aheze ugereranije n’iyindi myaka. Alexandra Sindahera avuga ko bagiye kuganira na reta kugira ico kibazo gitorerwe inyishu kuko ngo gishobora gusubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu n’ubw’abanyagihugu ,mugihe urudandazwa rw’ibinyobwa vya BRARUDI rutunze imiryango myinshi .

Alexandra sindahera ariko akavuga ko mu kwifatanya n’abanywanyi ba BRARUDI hari ibirabo bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu inzoga z’ibiyeri zagabanijwe ibiciro mu korohereza abanywanyi no mu kuraba igikwiye gukorwa kugira ibinyobwa vya BRARUDI ntibitabwe nk’akanuka. Aho ngo ni mu mugambwi witwa mu gifaransa Promotion icupa rya Primus rigurishwa igihumbi na mirongo itanu nayo icupa rya Amstel ndende rikanyobwa ku gihumbi n’amajana atatu.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.