IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruganda ku barongoye abandi mu nyigisho z’ugukundisha igihugu

Uruganda ku barongoye abandi mu nyigisho z’ugukundisha igihugu

vendredi 6 Nyakanga 2013

Mu gushigikira umurwi ujejwe wa mugambi mushasha w ‘inyigisho zijanye no gukunda igihugu, umurwi ujejwe gukurikirana umugambi w’inyigisho hamwe no gukunda igihugu PEFP, warateguriye uruganda abarongoye abandi mu mashengero no muri politike.

Urwo ruganda rukaba rwabaye ku munsi ku munsi wa 4 igenekerezo rya 5 Nyakanga 2013. Urwo ruganda rukaba rwari rwateguriwe abarongoye abandi yaba aba mashengero hamwe n’abanyepolitike, eka ndetse n’abasanzwe batanga inyigisho mu bisata bitandukanye, kugira bashigikire wa murwi ujejwe gukurikira umugambi w ‘inyigisho hamwe no gukundisha igihugu abarundi PEFP. Abari aho bakaba babwiwe intumbero nyamukuru z ‘uwo mugambi PEFP, hamwe n’ibikorwa bimwe bimwe vyamaze gukorwa n’uwo murwi. Therence Mbonabuca umukru w’umurwi, yamenyesheje ibikuru bikuru, ko intumbero nyamukuru z‘uwo mugambi haba ku rwego rw’ivya politike, imibano, hamwe n’imicokama hatibagiwe n’ubutunzi.

Mu vyerekeye politike, yamenyesheje ko uwo mugambi ugamije kuzana abanyagihugu kumenya neza ikirere ca politike kiba kiri mu gihugu hamwe no gutera intege abanyagihugu, bakaja kwiyandikisha muri etat civil, kurondera ibipapuro vyo mu ntwaro muri rusangi hamwe n’ikarata ndangamuntu vy ‘umwihariko. Uwo mugambi uzoba ufise intumbero yo guhimiriza abanyagihugu bakamenya amategeko yo abagenga, kumenyesha hamwe no kwigisha abanyagihugu ingingo zo kubungabunga amazi hamwe n’ibidukikije.

Mbonabuca Terensiyo

Ku vyerekeye imibano, uwo mugambi ukazofasha mu kumenyesha hamwe no gutangura kurwanya abana bakora cane bakiri bato hamwe n’urudandazwa rw ‘abana ,kurwanya ikumirwa ryose, na cane cane irikorerwa abapfasoni hamwe no kubwira abakiri bato kutaza barahurumbira kuja mu bihugu vyo hanze bidaciye mu mategeko. Mu vyerekeye ubutunzi, uwo mugambi uzopfasha mu guhamagarira abanyagihugu gukora ari nabwo buryo bwotuma abantu bamererwa neza, haba mu buryo bw ‘amafranga canke mu buryo bwo mu mutima kandi bahamagarira abanyagihugu gufasha cane kurwanya igiturire.

Umushingantahe Mbonabuca yamenyesheje ko ibikorwa vyinshi vyamaze gutangura. Nk ‘akarorero ishirwaho ry ‘umurwi ujejwe gukundisha igihugu, kandi uwo mugambi ukaba waramaze kwemezwa mu nama nshikiranganji, guhindura mu rurimi rw’ikirundi uwo mugambi PEFP wo gukundisha igihugu, hamwe no kuwushira ahabona.
Ivyerekeye naho ico gitabo c’umugambi w ’inyigisho hamwe no gukundisha igihugu abarundi ni igitabo c’impapuro 200. Yashimikiye cane ku bikuru bikuru bine, nk ‘icerekeye kwubahiriza ibintu vya Leta, abantu, kuvyara ku rugero, n’ibindi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.