IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruganda rw’integuro y’umwaka w’2013 mu mugambi wo kurwanya indwara ya (...)

Uruganda rw’integuro y’umwaka w’2013 mu mugambi wo kurwanya indwara ya malaria

vendredi 18 Nzero 2013

Mu ruganda rwateguwe n’abafasha mugisata co kurwanya indwara ya malaria, basanze indwara ya malaria yaragabanutse biboneka gushika ku bice 20 kwijana.

Dufatiye kuvyirwa vyakozwe mumwaka w’2012, harabaye akarusho kaboneka. Ivyo vyashobotse kuko hatanzwe imisegetera yica imibu ari na bwo buryo burashe bwo kwikingira malaria.Ariko rero mu ntara za Muyinga ,Cankuzo na Kirundo ibice vyabafatwa n’indwara ya malara vyariyongereye cane bivuye ko baheruka kuronka imisegetera mu 2009 .

Abari bitavye urwo ruganda basavye ko hakwiye guhimirizwa abanyagihugu uko boyikingira hongere hatangwe imisegetera mu ntara zose ndetse n’imiti.

Nkuko vyavuzwe na Liboire Ngirigi, umuyobozi mukuru mubiro bijejwe amagara y’abantu no kurwanya sida yipfuza ko mu mwaka w’2013 hoba ubundi buhinga bushasha bwo kurwanya malaria kandi ko hari ikigo c’ubushakashatsi mu kurwanya malaria kigiye gushirwaho vuba i Gihanga mu ntara ya Bubanza.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.