Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda rwa ZTE ku vyerekeye ubuhinga bwa "numérique" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Uruganda rwa ZTE ku vyerekeye ubuhinga bwa "numérique"

Uruganda rwa ZTE ku vyerekeye ubuhinga bwa "numérique"

jeudi 22 Myandagaro 2013

Ishirahamwe ry’abashinwa ZTE Corporate ryaratunganije uruganda ku vyerekeye imboneshakure zikoresha ubuhinga bwa “numérique”. Irwo ruganda rukaba ruje mu gihe Uburundi bwiteguriye guheba imbonesha kuri z’ubuhinga bwa “analogique” haze ubwa “numérique.

Urworuganda rwatunganijwe n’ishirahamwe ZTE Corporate i Bujumbura. Intumbero y’urwo ruganda akaba yariyo kwereka ubushobozi bw’ishirahamwe ZTE Corporate mu vyerekeye ikoreshwa ry’imboneshakure z’ubuhinga bwa “numérique”. Iryo shirahamwe rikorera mu bihugu 166 vyo kw’isi rikaba ryituguye gufasha mu gushira ubwo buhinga mu Burundi. Kukaba nkako, Uburundi bwiteguriye guheba burundu uburyo bwa “analogique” maze hakoreshwe ubwa “numérique”. Uwo mugambi ukaba ateguwe gushirwa mu ngiro kw’igenekerezo rya 31 Ndamukiza 2014.

Muri urwo ruganda hari hatumiwe umushikiranganji ajejwe ivy’itumatumanako amakuru hamwe nabandi banyacubahiro. Hari hitavye kandi n’abandi bakora mu vyerekeye ubwo buhinga mu Burundi hamwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru yo mu Burundi. Iryo shirahamwe rya ZTE Corporate ryamenyesheje ko ryiteguriye gukorana n’Uburundi mugutanga ubumenyi rifise muri ubwo buryo bwa “numérique” na cane cane ubumenyi mu vyerekeye imboneshakure zikoreha ubwo buhinga bwa “numérique”.

Twokwibutsa ko ibijanye n’amategeko agenga ikoreshwa ry’ubwo buhinga bwa “numérique” bimaze gushika mu nzego zijejwe kwiga amategeko y’igihugu. Akaba ariko arirwa imbere yuko atangura gushirwa mu ngiro.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.