Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugo rw’umuvugizi w’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwarugarijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Urugo rw’umuvugizi w’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwarugarijwe (...)

Urugo rw’umuvugizi w’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwarugarijwe n’igipolisi

mardi 8 Nzero 2013

Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi w’urunani ADC Ikibiri, urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta itanemera ivyavuye mu matora yo mu mwaka w’i 2010 yarugarijwe n’abapolisi ku rugo i we aho aba mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bapolisi ngo bagera kuri mirongo itanu nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu bakozi ba Mugwengezo yababonye. Ngo bashitse ku rugo kwa Mugwengezo mu gaturuturu hanyuma baca bagumaho mu nyuma barahava barataha. Uwari arongoye abo bapolisi abajijwe icatumye bahaza yamenyesheje ko bari bihenze ngo ni babababarire.

Ariko rero Chauvineau Mugwengezo we yemeza ko abo bapolisi bari baje mu ntumbero y’ukuburabuza abatavuga rumwe na Reta kuko ngo bari bibaza ko ariko ahagirishiriza inama. Ati : « Ariko ubutegetsi burihenda kuko uwutavuga rumwe nabwo wese ntaba ari umwansi kandi n’abo bari ku butegetsi batavyirengagije barazi ko mu minsi yahera bahora bitwa abagwanya ubutegetsi ariko nta n’umwe yababurabuzae ». Ku bwiwe ahubwo ngo Reta yarikwiye kureka abatavuga rumwe nayo bagakora mu mwidegemvyo kuko batahari nta demokarasi irama ishoboka mu gihugu c’u Burundi.

Umuvugizi w’igipolisi ntaco yashoboye kubivugako aho bagenzi bacu bamurondera.

Chauvineau Mugwengezo amaze igihe kitari gito arabana ayingwe n’abajejwintwaro na cane cane umushikiranagnji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. Mu mpera z’umwaka w’i 2012 twaraye turangije, umushikiranganji Nduwimana yagirijwe na Mugwengezo ko ari mu bantu bashaka kumuzimanaganiriza ubuzima hanyuma uwo mushikiranganji nawe yagiriza Mugwengezo ko ari mu banyepolitike b’abarundi biyitirira imigamwbwe kandi barayikuwemwo.

Aha twobibutsa ko Chauvineau Mugwengezo avuga ko ariwe atwara umugambwe UPD Zigamibanga. Naho biruko, uwo mugambwe UPD Zigamibanga uramutswa uwundi yitwa Zedi Feruzi yemejwe n’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe ariko bamwe mu banywanyi bagiriza umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe yatumye uwo Zedi Feruzi ajaho kugira abe igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD. Mugabo Zedi Feruzi we arabihakana mbere yama avugira ku mugaragaro ko umugambwe arongoye uri muyitavuga rumwe na Reta naho utari mu runani ADC Ikibiri.

Si irya mbere abategetsi bo muri urwo runani bugarizwa n’inzego zijejwe umutekano, Léonce Ngendakumana arurongoye yarigeze kwugarizwa n’abapolisi kugeza aho bamujana kwisigura ariko barahava baramurekura uwo munsi nyene ata kintu na kimwe kimwagiriye.

Ku bwa Chauvineau Mugwengezo ngo abo bapolisi bemera kuja baratumwa barakwiye kumenya ko n’abo nyene bafise uruhara bazobazwa imbere y’amategeko ngo n’ico gituma batoja barijajara ngo ni rwageranako hazohanwa ababatuma bo mu nzego za Reta z’abajejwintwaro atarabo mu nzego z’umutekano.

Kw’ifoto:Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi w’urunani ADC Ikibiri


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.