IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugomero rwa Rwegura ubu rwoba rumeze neza gusumba mbere

Urugomero rwa Rwegura ubu rwoba rumeze neza gusumba mbere

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Haheze igihe hibonekeza ubukene bw’umuyagankuba mu gisagara ca bujumbura Aborongoye ishirahamwe Regideso bagasigura ko ivyo biva ku mazi yagabanutse murugomero bikunyurwa nuko igisagara kiguma caguka.

Nkuko twabibwiwe na Come Nkurunziza urugomwero urugomero rwa Rwegura rufise imashini zitatu zihingura umuyagankuba imwe imwe igahingura megawate 6.

JPEG - 34.7 ko

Kubera izo mashini ari iza kera haratangujwe ibikorwa vyo kuzisanura mugusubiriza ivyuma bimwe bimwe vyazo vyapfuye. Ivyerekeye iyongerekana ry’amazi ubu hariho akarusho kuko ibipimo vyerekana ko amazi yongerekanye imetero 3,5 ugereranije no mu mwaka uheze. Ivyo vyavuye ku mvura yaguye ari nyinshi muri aya mezi abiri ikindi cabiteye ni uruzi Inamunyiriri bakatishije rukisuka muri rwegura.

Come Nkurunziza avuga ko ari hamwe imvura yoguma irwa neza nk’uko, amazi yokwiyongera cane gushika ku metero 2152 kuko ngo kugirango izo mashini zizunguruke bisabwa ko amazi agera ku metero 2140,50. Avuga kandi ko buri mwaka urwo rugomero rwa Rwegura rutegekanya guhingura umuyagankuba ungana n’ama gigawattheure 50.

Mwomenya ko mumwaka uheze hakoreshejwe umuyagankuba mwinshi kandi uwahinguwe wabaye muke. Nico gituma hagumye haba icikagurika ry’umuyagankuba ariko araremesha abanyagisagara ko uko bawubuze mu mwaka uheze atariko bizoba muru uyu turimwo kuko hariho akarusho.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.