IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugomero rwo ku Mugere rurageramiwe

Urugomero rwo ku Mugere rurageramiwe

samedi 12 Nzero 2013

Urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Mugere ruri ku mutumba Giheta yo muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural rurabangamiwe n’amazi y ‘imvura yaguye ari nyinshi muri ino ndwi.

Imvura nyinshi yaguye ku mutumba wa Giheta muri komine ya kabezi irabangamiye urugomero rw’umuyagankuba rwo ku Mugere rusanzwe ruri muri iyo komine.
Umwigisha muri kaminuza Jean Marie Sabushimike akaba avunira urugohe ubutegetsi bw’i Bujumbura kuko urwo rugomero rwo ku Mugere rushobora gusiduka bivuye ku mvura nyinshi yaguye muri ako karere muri ino ndwi.

Ibibangamiwe rero si urwo rugomero gusa kuko n’inzu zirenga 60 zarasidutse bikaba vyatumye abanyagihugu bashika amajana indwi babura aho bakika umusaya,umusozi nawo ukaba waramaze kwatura imigaga, ibarabara naryo rikaba ryaracitsemwo kubiri ku bihande bishika bitatu. Uruzi Giheta rero rurashobora kubangamira urugomero mu gihe imvura yobandanya irwa.

Kubwa Jean Marie Sabushimike umuhinga yanonosoye ibijanye n’isi wewe abona ko igisata kibijejwe cari gikwiye kugira ico gikoze ibintu bitararenga inkombe kugira iyo ngorane ihere.Inkombe zikaba zishobora gusidukira muri urwo rugomero mu gihe atacokorwa,akaba abandanya amenyesha ko hari hakwiye gukorwa ivyirwa kugira bige uburyo bokoresha kugira bakingire urwo rugomero n’abanyagihugu baba hafi yarwo.

Tubibutse ko no mu mwaka wa 2009 ibintu nk’ivyo vyashitse bikaba biboneka ko bishobora gusubira kuba mu gihe atacokorwa mu maguru masha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.