IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruhongore rwa Rusizi uruhande rwa Tanganyika rwatewe n’umuriro

Uruhongore rwa Rusizi uruhande rwa Tanganyika rwatewe n’umuriro

mardi 29 Ndamukiza 2014

Uruhongore rwa Rusizi ruherereye ku ruhande rw’ikiyaga Tanganyika rwaratewe n’umuriro kuva mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana w’indwi twaraye turangije. Abarongoye urwo ruhongore rwa Rusizi bagiriza abarovyi ko aribo boba barahaturiye mu ntumbero yo kwironderera aho batera insenga zabo bariko bararoba.

Kuva ku munsi w’Imana w’indwi twaraye dusozereye, mu ruhongore rwa Rusizi, uruhande rwegereye ikiyaga Tanganyika, harabonetse umwotsi ijoro ryose, ukaba wariko uva ku muriro wari uteye urwo ruhongore. Gushika ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa mbere, uwo mwotsi wari ukiboneka kuko watanguriye ahantu bitoroshe gushika kugira bahazimye.

Jean Claude Ndayishimiye, umuyobozi w’uruhongore rwa Rusizi amenyesha ko mu matohoza bariko barakora bikeka ko vyoba vyakozwe n’abarovyi bakeneye aho batera insenga zabo bariko bararoba, canke naho bakaba bahaturiye mu ntumbero yo kurondera ifi zo mu bwoko bw’insomvyi ziboneka kenshi abarovyi babanje guturira.
Uwo muyobozi w’uruhongore rwa Rusizi, Jean Claude Ndayishimiye avuga ko ingaruka ziheza zikibonekeza ku binyabuzima, canke ku kirere.

Muvyo bagiye gukora mu mwanya wa vuba, Jean Claude Ndayishimiye, umuyobozi w’uruhongore rwa Rusizi ashikiriza ko bagiye guhimiriza ku ngaruka z’ugututira urwo ruhongore, ivyo bakazobigira mu gihe n’ici ryegereje kugira birinde iyindi miriro yokwibonekeza muri ico kibanza gitunze ibinyabuzima bitandukanye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.