Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani COPA rumenyesha ko rwemera Petero Nkurunziza nk’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani COPA rumenyesha ko rwemera Petero Nkurunziza nk’umukuru (...)

Urunani COPA rumenyesha ko rwemera Petero Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu

vendredi 24 Mukakaro 2015

Urunani rw’imigambwe COPA rumenyesha ko rwemeye ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI ku bijanye n’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015,kandi ko Petero Nkurunziza yayatsinze.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru w’urwo runani Jean de Dieu Mutabazi,COPA imenyesha ko amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakro yabaye mu mahoro,mu muco kandi yisunze amategeko nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu.

Urunani COPA rumenyesha kandi ko rwemera ku mugaragaro ko Petero Nkurunziza yatowe kandi yatsinze amatora,rukaboneraho akaryo ko kumukeza bivuye ku mutima.
Urunani COPA rumenyesha ko rudakekeranya ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoba umukuru w’igihugu w’abarundi bose,baba abamutoye canke abatamutoye.

Urunani COPA rusaba abitavye bose amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka ku tagaruka ku bijanye n’amatora,ariko ko bokwemera inzego zose zizoyavamwo,bagasubira mu biganiro nkuko vyasabwe n’abahuza mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi.

Urunani COPA rurangiza rushimira abo bose bakoze batiziganya mu gukingira ukwikukira kw’Uburundi,n’intwari rusangi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Gutsindanatsinde muga amenyeko atwaye kuberinguvu ntakurikurimwo.

  • ntakundi wovuga mbe wewe ufise amajwangahe?ahorero ushaka azokubegere haricutazi sha urasubira kwiga polithique ndagusets basi.

  • Urakoze COPA kwamamaza ukuri egome n’izindi nani canke iyindi migambwe niyigarure yemere i NKURUNZINZA.

  • Mbega ikigabo camafuti ubu urondera intebe.uja ku mboneshakure gehezagura agatsiko kabicanyi mbega ko tarunva uvugira abana ba barundi bicwa na chorera mukambi Tanzania,cg abazira inzara imahama amarira ya bapfasoni bicirwa abana na bagabo mugihungu muzayabazwa imbere y"imana

  • Saba Neza Mutabazi, Ariko Si N, Ugusaba Ahubwo Uko Ni Uguta Ubwoko. Uwo Uriko Urasaba, Hamwe Yoba Atarakumenya Yoba Atabwenge Afise. Ngira Yaraye Abonye Ko Ugenza Akarimi Gusa. Kubura N, Umuhanuzi Wa Komine Mugisagara Uvukamwo? Isoni Waraziriye

  • Erega Ntakundi Wari Kubivuga,mbega Ufis’intebe Zingahe Mugihugu?,mbega Udashimye Wobahe?Kenyer’ubasabe,arik Umugabo N’uworya Utwo Yironderey.@

  • Natware Ariko Arazokwiydranj Atwarire Barebare Na Bagufi

  • JEWE NUKURI NAGIRA NDABASABE IYO MURIKO MURAVUGA MUZE MURARABA,IVYO VYABATUTSI MUBIREKE KUKO TWEBWE NTA KAJAGARI DUKENEYE,REKA TURABE UKO ABAHUTU MUMARANA.UWO NAWE NIYISABIRE AGUME MURI O H P ,MURI BA MPEMUKE NDAMUKE

  • Ariko harabantu batwengeje kabisa!!! Ubu naho muzovugibiki ko agiye gutwarigihugu afadikanije numutama Rwasa!!

  • Ramba Mutama,na Adelard SHIRAHISHIZE arongoye COPA i ngozi yigenza neza kandi yarashigikiye ikiringo ca gatatu ca Nyenicubahira Umukuru w’Igihugu kuri RPA NGOZI.

  • Nakabona ibigabo vyibigorye je nabona gwiruka ngo ruriko ruriyamamaza none gwaronse intebe zingah? gwaja mubantu rubabwira ubusa ngo borutora? mbabajwe namafaranga gwambuye umuryango ngo ruja kwiyamamaza ehe ndakugire inama ifadikanye nabandi ubone akaga nkurunziza nakagwi kiw bariko bata mugihugu hama ureke kuguma wasamika amanwa ngurashima ushima iki? abantu bamaze imisi bapfa?none nkubu waruzingo uzotsinda amatora?reka ntwenge!! wew usumvya politique mutama rwasa?ko yabiretse?none nkubu kombona uriko usa nuwusaba akazi nkubu bogupfa agasoni bakakugira nka chef de quartier wokwemera gukorana nizo nkoramaraso? ambura ama fume ubone kure wakigoryewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.