IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Komiseri ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU yasabwe kwikosora mw’ijambo (...)

Komiseri ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU yasabwe kwikosora mw’ijambo ’’milice’’

mercredi 22 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Amashirahamwe atatu ONELOP, Ligue Izere na ACOPA ariyamiriza ijambo akarwi k’inkorabara ryakoreshejwe na komiseri mukuru ajejwe agateka ka zina muntu , mbere bamusaba kwisubirako kuko ku bwabo yakoresheje imvugo yo gucanishamwo abarundi.

JPEG - 109.1 ko
Francois Xavier, Kazihise Pierre Claver, hamwe na Becaud Njangwa baserukira ayo mashirahamwe

Inyuma yaho abarongoye urwaruka rw’imbonerakure biyamirije izina biswe na komiseri mukuru ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein ‘’milice’’, ubu naho n’amashirahamwe atatu ari muri bamwe bavuga ko badaharanira ivyicaro vya poritike Ligue Izere, ACOPA na ONELOP amenyesha ko yababajwe cane n’ivyashikirijwe n’umukomiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu , nk’uko babishikirije mu nama yo guhanahana ivyiyumviro mu ntumbero yo gutegura amatora atekanye arimwo bose.

François Xavier Ndaruzaniye ati, dusaba komiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu kwisubirako kuri iryo zina yahaye urwaruka rw’imbonerakure, ridakwiye na gato ati twarabonye muri kahise ivyo iyo mirwi yakora nko kwica , kwiba guturira , n’ibindi, bagatanga uturorero tw’aba sans echec,sans defaite, JEDEBU, Amasekanya n’abandi.

Ayo mashirahamwe asaba gukosora iyo mvugo yakoresheje icanishamwo abarundi ishobora guta mu kaga igihugu c’Uburundi, nk’uko Francois Xavier Ndaruzaniye abandanya abishikiriza. Ayo mashirahamwe amenyesha kandi ko yandikiye umunyamabanga mukuru ajejwe inama nkuru y’umutekano kw’isi bamumenyesha ko ijambo ryakoreshejwe n’umukomiseri ajejwe agateka ka zina muntu ari ribi cane, bamusaba n’uko yoribakurako, kuko yabaremetse inteba ishushe.


IGIHE

Messages

  • Ego twihweje amajambo ya komiseri ntagitangaza kirimwo kuko arashobora kuba yashikirije ivyo yateguriwe n’ikibiri na yamashirahamwe avuga ngo ntaharanira inyungu za politike kandi ari abanyepolitike karuhariwe ,mbega amasekanya twoyagereranya nimbonerakure? Sans échec urazi ukuntu bambuye ikinga umuvyeyi wanje? Mbega ko imbonerakure atabimito tuzibonana kandi atawe biba ivyo yabikuye he?

  • ubudumbidumbi bwose busimbira kwisunzu ryinzu bwira sobuja amakure ko atavuze ivyo mushaka hihihhhiiiiiii

  • Es Ubweng Bwabo Bagabo Mug Kuber Inda Yabo Bavug Ivyobategetsw N Cnddfdd Nimucish Mak Akokagw Kinkorabar Kazoher Kurimwbw Ntawarush Nyadwi Anselme Kuzidefand Nab Onesime Noe Rab Iyozibagejj Nketsw Mwb Mujanway Ninda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.