Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo "How much I Love U" rwa Kook K rwatahuwe ukutariko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo "How much I Love U" rwa Kook K rwatahuwe ukutariko

Ururirimbo "How much I Love U" rwa Kook K rwatahuwe ukutariko

lundi 17 Ntwarante 2014

Ururirimbo Kook-k aherutse gukorana na Chany Queen ruriko ruvugwako vyinshi kubera gutahura nabi ico abo baririmvyi bashatse gushikiriza nk’ubutumwa. Kook rero aratanga neza umuco kuri iyo ndirimbo.

Ururirimbo "How much I love" rwaririmbwe n’abaririmvyi Kook-k na Chany Queen rwatahuwe ukutariko na bamwe mu bamenyeshamakuru. Ivyo bivugwa na Kook-k ubwiwe. Urwo ruririmbo rwananiranye gutahura, Kook akarusigura uku gukwirikira, asa n’uwutanga umuco.

Uwo avuga ko urwo ruririmbo mu vy’ukuri ruvuga urukundo bakundanye n’umuririmvyikazi Chany Queen. Ruvuga ko abakunzi babo ni ukuvuga R. Flow asanzwe akundana na Chany banamaranye imyaka 3, ko yomenya ko gushika ubu akundana na Kook-k atakiri uwiwe. Co kimwe na Thity love akundanye imyaka 2 na Kook-k, nawe nyene muri urwo ruririmbo aronswa ubutumwa ko umukunzi wiwe yamubesha ko amukunda ariko yikundanira na Chany. Muri iyo ndirimbo nyene, abo baririmvyi 2 babwira abo bahora bakundana ko bitari ivy’ukuri ko urukundo nyakuri rugiye ku mugaragaro.

Ariko rero, amajambo avugwa muri urwo ruririmbo ntaho ahuriye n’ukuri. Kook-k akundana na Thity Love. Aha ni ho Kook-k atangira insiguro nyayo. Avuga ati : "Birya bivugwa muri rurya ruririmbo nta kuri kurimwo. Ukuri guhari n’uko jewe Kook-k nkundana kandi cane na Thity Love, Chany Queen nawe akundana na R.Flow, arya ni amajambo y’ururirimbo, nta kuri kurimwo".
Abenshi rero batahuye ko Kook-k akundana na Chany ariko sivyo, ni urukundo rwo mu ndirimbo.
Tumubajije igituma biyumviriye gukora ururirimbo nk’urwo rutera amadidane, Kook-k yishura ati : "Ivyo twabigize tubibona, kandi nari ndabizi ko ruzotera ibibazo vyinshi".

Twobamenyesha ko ururirimbo "How much I love u" rwakozwe na Kook-k ubwiwe, ariko ntararusohora, aracariko araruryohora kandi ashaka ko ruzosohokera rimwe n’amasanamu yarwo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.