Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo "Urudubi" rwatumye ubugenzi bwa Yoya na Mkombozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo "Urudubi" rwatumye ubugenzi bwa Yoya na Mkombozi (...)

Ururirimbo "Urudubi" rwatumye ubugenzi bwa Yoya na Mkombozi bwongerekana

mercredi 17 Mukakaro 2013

Umuririmvyi Mkombozi na mugenzi wiwe Yoya bose bamenyeshako ururirimbo ‘’Urudubi’’ rwatumye ubugenzi bwabo bukomera ku mvo z’uko bayiririmbanye hama igatwara ihiganwa rya "Isanganiro Awards" muri uyu mwaka w’2013. Bompi bagashima mu gihe kandi Yoya ariwe yari afise ico gikombe c’umwaka uheze.

Ku ruhande rwa Mkombozi avuga ko vyamushimishije cane kubona urwo ruririmbo rutwara iryo higanwa. Ikindi yamenyesheje ikinyamakuru ‘’IGIHE‘’ ko akari inyuma gahinda, bivuga ko ubu noneho agiye gukora ashizemwo inguvu zose hama abandanye ashimisha abakunzi biwe kuko yabonye ko batamuhemukiye mu gushigikira ururirimbo rwiwe kugera n’aho itwara igikombe.

Naho ku ruhande rwa Yoya we avuga ko kuba iyi ndirimbo ya Mkombozi yaratwaye ihiganwa rya Isanganiro Awards uyu mwaka biri mu bintu vyamunejereje, kuko uretse ko bayiririmbanye asanzwe anayikunda kubera ubuhinga n’ímpanuro zirimwo.

Abo bompi bavuga ko ubugenzi bwabo bwiyongereye kubera ico gikorwa. Umwe wese avuga ko igihe cose azokenerwa n’uwundi atazobura kumwitaba kugira bakorane kuko babonye ko bitanga umwimbu ukomeye.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.