Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashikiranganji bashasha muri Reta ya Petero Nkurunziza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashikiranganji bashasha muri Reta ya Petero Nkurunziza

Abashikiranganji bashasha muri Reta ya Petero Nkurunziza

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’aho bamwe mu bashikiranganji batangiye imihoho bava mu mugambwe w’abadasigana UPRONA, Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kubasubiriza uko ari batatu, ikaba kandi yaciye inahindura bamwe mubagize Reta.
Reta nshasha yasohotse igizwe n’abashikiranganji batanu bashasha, batatu basubiriye mu bibanza vy’abatanze imihoho, hamwe na babiri basubirijwe abandi.

Urutonde rw’abo bashikiranganji batanu

1. Ernest Mberamiheto, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye. Yasubiriye mu kibanza ca Issa Ngendakumana wo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri

JPEG - 27 ko
Ernest Mberamiheto, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye (i buryo)
Ernest Mberamiheto: Ministre de la bonne gouvernance (à droite)

2. Dieudonné Giteruzi, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine. Yasubiriye mu kibanza ca Jean Claude Ndihokubwayo wo mu mugambwe UPRONA yaheruka gutanga imihoho.

3. Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka. Yasubiriye mu kibanza ca Léocadie Nihazi wo mu mugambwe UPRONA yaheruka gutanga imihoho.

4. Marie Rose NIZIGIYIMANA, umushikiranganji ajejwe ubudandaji, amahinguriro, ingenzi n’ama posita. Yasubiriye mu kibanza ca Victoire Ingabire wo mu mugambwe UPRONA yaheruka gutanga imihoho.

5. Ir CIZA Virginie, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu. Yasubiriye mu kibanza ca Déo Rurimunzu wo mu mugambwe CNDD FDD

Tukaba twobamenyesha ko n’aho ibibanza bitatu vy’abashikiranganji bo muri UPRONA bari batanze imihoho vyasubirijwe, mu mugambwe UPRONA urongowe na Nditije Karori gushika n’ubu bemeza ko batagira umushikiranganji n’umwe muri Reta. Mu nama yahuje ku munsi w’Imana urwego nyobozi rw’umugambwe UPRONA bakaba mbere barafatiye ingingo yo guhagarika umwaka wose mu mugambwe UPRONA abo bashikiranganji babiri bagenwe muri Reta ya Petero Nkurunziza, aribo Dieudonné Giteruzi, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine, hamwe na Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru.


Egide Nduwimana

Messages

  • Weak,poor,incompetent and helpless government. Please UN,AU,EAC we need a quick intervention

  • Nibazako Igihe yihenze kuri Titre yahaye ivyo yanditse!Abo bose ntibari muri UPRONA turabizi!

  • Yo pore sana none kuva abatutsi aho batwariye si kere buriya bashaka kuruhuka.niko presendent shiramwo babana barwaniye ko abahutu tugirijambo.

  • Uburundi bugeze aho umwansi ashaka.

  • Amaraso y’abahutu mwanyoye arahaye arabagaruka, awaaa. Na bado mwatoteza abahutu mwibazo ko Imana itababona????? Aho mucanamwo mwama mu ndyane mwibaza Ngo n’ibindi

  • Ako kagabo gatangura gasa nagahutu barabe neza abo sa UPRONA

  • NKURUNZIZA AGOMBA LETA ZIMFATA KIBANZA KUGIRA ARABE KO YORONKA IYINDI MYAKA YO GUSAHURA

    NUKURI

  • Karikurubu why didn’t you call all these intervintion thereafter when People in 1993 were being murdered?encluding our merthy of democracy Ndadaye?????come on boy!!

  • Abarundi bazoma ari ibigugugu!

  • Abaporona bariko umuvumo w’Imana.

  • nimutubeshe ko ari gouvernement yabose natwe tubabesheko tuvyemeye ico bizotanga nuko u burundi butera busubira inyuma nk’ibirenge. 99,9% de la population ntibiyumvamwo reta kubera ububegito bwayo. igice gisigaye cuzuza nya jana ni akarwi gatwaye uburundi kagizwe n’abasuma abicanyi,gufunga bantu bazirubusa.

  • NDIFUZA UMUNTU YONFASHA KUMENYA NEZA ICARICO UMUHUTU,UMUTUTSI UMUTWA,UMUGANWA.kuko nkumwana w’ umututsi navutse nsanga umugabwe wa UPRONA,none nkaba nunva ubu bivugwako Umugambwe UPRONA,ari uwabatutsi,niguki witwa ngo ni uwabatutsi,kandi ari umugambwe w’Umuganwa RWAGASORE kandi,Abaganwa nabo bakaba baterekwa icitwa Umututsi?None ga batutsi benewacu ubwo ntimubona ko muriko murata umwanya murwanira umugambwe atari uwanyu?Je nunva mengo uwo mugabwe ninkigitutsi kumututsi,kuko ni umugabwe w’Abaganwa ntabwo ari uwabatutsi.Nuko umutama Thadée SIRYUMUNSI yamaze gushengera i BUKAMA yari yobakebuye akabacira kumayange icegeranyo cinama ya bereye Mukajaga yari inama bita ngo inama ya;KASABARANKA na MORONVIYA.Ubwo rero mwabatutsimwe vyari vyobafashije gukura amaso kuri uyo kumugabwe wabaganwa ukareka kuguma witwa ngo ni umugambwe w’Abatutsi.None ntimushobora kugumya agateka kumututsi mutagiye kwirirwa murwanira kumugumya?Yamba atabwenge mufise ngo mubone ko ibintu vyahindutse?Nimurwanire gushira umwana mwishure nayo ivyo vyomugambwe utukisha umututsi mubivemwo.Jewe nararababajwe numuntu twahuriye murubanza,akabwira ngo wewe uri umu UPRONA nkamubwira ngo kubera?nawe ati kubera uri umututsi.nkamubaza ngo none umututsi wese ni umu uprona?nawe ati niko bisigaye bivurwa mu Burundi.Nara mubwiye ko jewe ntamugambwe ndimwo;Nawe ati ,ariko so yari umu PRONA? kuva ico gihe vyagumye bingora gutegera,none ndasavye uwoba avyunva neza anfashe nanje ntegere utuntu nutundi.Komera mututsi,mututsikazi we!!!!!!!!!!!!!

  • Abo bibaza ko abatutsi babanize,mbe nikubera iki iyi leta itinya CVR,abahutu ni les seuls victimes au monde batipfuza ko babarenganura,ukuri ngo kuje ahabona,hama tubandanye!
    Mbe abahutu bamaze imyaka cumi bicwa,bo ntabana ,ntabavyeyi,ntabavukanyi bafise,mbe bo komutabishuza?nuko bishwe nabahutu?La retribution ou la vengence ,appartient a DIEU!!!!!!

  • abantu bose bibaza ko ubu hari ikibazo camoko barihenda cane kand abo bose bavuga ivyimivumo ntavyo bazi nibaga kokezi kuva muza mirongo72 na93 imitwe yabo iracari muri pause irakeneye play.kuko ino mwaka cumi turiko turarangiza igihugu gitwagwa naba hutu.urazi abantu bagandaguwe munzuzi namabohero. nabatutsi babica ?canke nabahutu benewacu!!!!!! bamutsindwa neza mureke kugofera amafuti..ubu agathon rwasa wa fnl nabatutsi bamuhohotera? abahutu turakeneye kubaka igihugu cacu .dusubize hamwe naba tutsi .abo bakeneye inryane ningumba ntibavyaye ibibondo.kand abo niba nsumirinda.ntakazoza bategekanya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.