Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka ruhurikiye mu migambwe rurafise ivyo buca rusaba umuhuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka ruhurikiye mu migambwe rurafise ivyo buca rusaba umuhuza (...)

Urwaruka ruhurikiye mu migambwe rurafise ivyo buca rusaba umuhuza w’abarundi

lundi 26 Rusama 2014

Urwaruka ruri mu migambwe itandukanye rwaratumiwe n’ibiro vy’umuhuza, inyuma yaho Mohamed Rukara umuhuza w’abarundi abonaniye n’imirwi y’urwaruka itandukanye.

Urwaruka ruri mu migambwe rero rukaba ruzohura n’umuhuza kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 27 gushika ku rya 29 Rusama uwu mwaka. Urwaruka rwatumiwe muri iryo koraniro, rukavuga ko rwizeye ko iryo hwaniro rizogira ico rishitseko, ku bivugwa mu Burundi mu gisata ca poritike, mu gihe ibivugwa ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD biteye ubwoba, uho rumwe muri urwo rwaruka rwagirizwa kugira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi, urundi narwo, rukagirizwa guhabwa ibirwanisho.

N’aho rumwe mu rwaruka ruhurikiye mu migambwe vyoba vyaragoranye kugira rutumirwe, abatumiwe, barizeye ko muri iryo hwaniro, bazoshobora kuyaga cane ku kugarukana icuka ciza mu rwaruka, umubano mwiza, aho bigaragara ko umubano mu rwaruka utameze neza. Rumwe mu rwaruka rwayaze n’ikinyamakuru IGIHE, rukavuga ko rwipfuza ko vuba cane, n’abatswe imigambwe boyisubizwa, maze ingendo igaragara ko Uburundi buriko busubira mu ntwaro y’umugambwe umwe, ikarangira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko uburundi buratweza ngo(UMUHUZA) mubiki??uretse kurya amahera y uburundi?babanzwa nabantu bamwitaba ncanke bamwitura? abaribo bigugu

  • Amabi yabaye canke yakorewe urwaruka aringaho ni menshi kandi avyumva nta jambo twa mwumviseko.hatumiwe bande?ntabakumiriwe?reka turindire

  • Uyumuhuza w’abarundi Muhamedi Rukara ndamukunda vyimazeyo kuko arashoboye abakamwituyebose kuvagiyeho yarabafashije kandibiboneka, umuhuza wacukomera turagushigikiye.
    Ariko hanoharihumuntu yiyita Nwari aratukanagayemwe! Umuntu ashobora kwemeza akavugango abitura umuhuza wabarundi ngonibijuju!? ngonaboyohamagara bakamwitaba ngonibijuju!? Umuntunkuyu Nwari nimwenumwe avurwa muri bibiliya ngo utagirurukundo ubumeze nkumuringa uvuga ugasama, atikandi nubwowogira ubwenge kajana ukavuga indimizose utagirurukundo ivyovyose ntaco bibabimaze. Muvyukuri abashobora kuba barakurikiranye ivyiyumviro vyuyu Nwari aterera mubona nkuwomuha gutegeka ibararitorwa? Mwenabobantu ntibazigera baduteranumutaru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.