Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka ruhurikiye muri UPRONA narwo ntirwatanzwe kugira ico ruvuze kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka ruhurikiye muri UPRONA narwo ntirwatanzwe kugira ico ruvuze kuri (...)

Urwaruka ruhurikiye muri UPRONA narwo ntirwatanzwe kugira ico ruvuze kuri CNTB

samedi 18 Nzero 2014

Urwaruka ruhurikiye mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA ruri muri za kaminuza zitandukanye, basohoye itangazo aho bagaragaza amakenga kw’itegeko rishasha rigiye kugenga umurwi CNTB, bavuga ko ryemejwe n’umugambwe CNDD FDD.

Indarangavye za Uprona zo muri za kaminuza zitandukanye

Abo banyeshure bahurikye mu mugambwe UPRONA bakaba basaba abashingamateka bari mu mugambwe uri ku butegetsi, gukora bakorera amahoro n’umutekano kugira intwaro ibereye n’ubutungane ataho buhengamiye bikomere, aho kubiba urwanko mu banyagihugu b’Uburundi. Abo banyeshure rero bagasaba Abadasigana kutemera amategeko ateye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, amategeko bavuga ko ashaka gusubiza inyuma amahoro n’umutekano w’igihugu.

Abo banyeshure rero bakaba bashikirije ivyo, inyuma yaho umurwi w’abashingamateka bo mu mugambwe CNDD FDD, bashikiririje ikiganiro abanditsi n’abanyamakuru, aho bavuze ko imvugo ya Karori Nditije umukuru w’umugambwe UPRONA ku kibazo c’umurwi CNTB ivanze ikinyoma, bagasigura ko umugambwe wa Rwagasore uriko uriyamamaza mu banyagihugu witwaje ikibazo c’umurwi CNTB, kugira uyo mugambwe uze uronke amajwi mu matora buca aba mu mwaka w’2015.

Felicien Nduwuburundi arongoye umurwi w'abashinfamateka b'umugambwe CNDD FDD

Félicien Nduwuburundi arongoye umurwi w’abashingamateka b’umugambwe uri ku butegetsi ati : "Umugambwe UPRONA wategerezwa ahubwo gufata iya mbere mu gutahura ko muri kino gihe ari ngombwa ko abateshejwe ivyabo kubera intambara bakwiye gusubizwa uburenganzira n’agateka vyabo, mu kubatunganiriza neza kandi mu buryo bwihuta."

Abatari bake rero bakibaza ibizokurikira igihe umugambwe CNDD FDD woba utakiri kubutegetsi, hakaza ubundi butegetsi bwaka abariko bararonswa amatongo canke ayandi matungo ubu, na rirya abayakwa ubu badashumbushwa kandi ariko vyari bitegekanijwe mu mategeko, aho usanga abari baraguriye Reta, canke ugasanga baguriye abandi bari bayahawe na Reta, bakwa ayo matungo ataco baronse. Ivyo bakabona ko bishobora kuzokwega urwanko mu barundi, naho uyo mugambi wo gusubiza umuntu wese utwiwe utari mubi namba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nihaba hariko harasubizwa benetwo utwobaribaranyazwe ntabandibazoza kubutegetsi ngobaheze bapange kwongera kubaka ivyabo wanashaka harazogira uwiyamamaza avugati barundi barundikazi jewe nimwantora nzoca fata ababarikobarasubizwa utwabo ndatubake mazenadusubize bamwe baribaratubanyaze’ uwomugambwe uzobutashe uzoburiko uramamariza aboba DD. Kubijanye nogusumbusha rekanibarize ikibazo Karori Nditije, mbega kuvugango reta ihishumbusho abobariko barasubizabenetwo itwabo konzimwebwe mwarumugambwe warikubutegetsi yoba umugambwe wanyu UPRONA warabigizemwo uruhara mugufata ivyabanti mukabiha abandi? Ndibazakwinyishu ari oya niyaba ari oyarero nikuberiki mushaka gushigikira amakosha yakozwe kera kunwanisha abarundi sukundasubiza ibintu uwariyarabinyazwe, kunwanisha abarundi nugusubiza umuntu ivyoyariyaranyazwe maze nawe bakamusaba kudasaba ivyavuyemwo.

  • Ahubwo nibabasabe gusubiza n’ivyavuyemwo. Akarorero: Inzu iri mugisagara ca bujumbura isanzwe ikodeshwa imilioni 1000.000Fbu kukwezi duce duharura amezi ahaciye guhera 1972 n’ukuvuga inyaka 41 harimwo amezi 492 tuyagwije na1000.000 492 x 1000.000F= 492.000.000 Fbu Nibabishaka tuzobiharura uko basubize ivyo banyaze n’ivyavuyemwo uwuzosanga azoriha imilioni amajana ane na mirongo icenda na zibiri utibagiye n’inzu ntaco azosubira kubaza. Uwezo tuko nawo kandi uworukarisha rwomumwa

  • Izo mvugo z’icuritse kandi ata fatiro, ni ukuzirinda urwaruka. Birazwi ko muri CNTB harimwo IMPORONA. Bisigura ko itegeko ryose rifatwa rishirwa mu ngiro ku neza ya bose, na cane cane y’igihugu. Umuntu aza rero yitwaj’ibinyoma anarwanya ubutungane, aba ariko agira iterabwoba. Injavyi ni ukuzirwanya kandi urwo rwaruka rwa Kaminuza, bariko barwosha nabi. Ni ukuraba rero ko abantu bahaye bivugisha uko kandi bari mu nzego badashaka gusenyura UPRONA.

  • Urwo rwaruka rwenewacu rwotegera ko ivyari i magera vyageruye kandi ko ABARUNDI dukeneye kumenya ukuri . Hariho rero abatinya ko ama tongo banyaze bitwaje ubutegetsi candi ibindi azohava abacika!!!! Ntitukiri mu ntwaro y’igikeny turi muri DEMOKARASI KANDI NAYO YABONETSE BIGORANYE!!!! NTIDUSUBIRINYUMA!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.